Rumonge-Nyanza-Lac : Impunzi zivuye mu guhugu ca Kongo zakiriwe n’abajejwe intwaro

Abantu 401 bagizwe n’abava mu gihugu ca Kongo 323 hamwe n’abarundi 78 nibo bakiriwe mu ntara ya Rumonge hamwe no muri komine Nyanza Lac ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2017 bahunze ingwano zihuza abagwanyi baba Mayi Mayi n’igisirikare ca Kongo.

Amakuru dukesha urubuga rwa twitteur rw’igiporisi c’Uburundi,abashika 233 bashikiye mu ntara ya Rumonge ,mu gihe abarundi bakiriwe muri abo bahunze bagizwe n’abarimyi hamwe n’aborozi.

Amakuru ava mu bajejwe intwaro muri Komine Nyanza lac amenyesha ko abo bahunze, bashitse mu Burundi baciye mu kiyaga Tanganyika, bashitse baciye bahabwa imfashanyo ziba zirabafasha .

Ayo makuru abandanya avuga ko abo bava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, baca bajamwa mu makambi y’impunzi ari hano mu Burundi ,abarundi nabo bakazoca bashikanwa mu ma komine yabo.