Cankuzo : Inka zitandatu zakubiswe n’inkuba

Inka zitandatu nizo zakubiswe n’inkuba, ibikoresho vy’umuyagankuba navyo birononekara inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa kane, igenekerezo rya 25 Nzero 2018, ku mutumba Minyare, wo muri komine Cankuzo.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko iyo nkuba yakubize nk’igihe c’isaha umunani z’umutaga kur’uyu wa kane.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko izo nka zari izo abantu babiri, umwe yitwa Sylvere uwundi yitwa Desire.