Ubusuma bw’abantu bibisha amayeri bwabaye ndanse muri Bujumbura

Ubusuma bwabaye ndanse muri Bujumbura. Bantu mufata imodoka zoduga muntara za ruguru muragabe!!! Hari umugwi w’abasuma n’abambuzi bafise imiduga bavuga yuko iduga ruguru ugasanga bayihagaritse hafi ya cotebu. Murashobora kubaboba cane cane muri station top one bakubonye usa neza boronka ivyo bakwiba bakubaza iyuja maze bakakubwira bati dufise voiture duhe make twiduganire; ucuja hariya ngutoreyo nankako abakokayi bambona!

Iyo ubemereye uba uguye mu kamashu nkimbeba. Baraza bakagutora bagasa nabakuguganye rukuru mugabo ntimushika kure baca bakatishiriza imodoka aho bashobora kukugirira nabi atacamira.

Barashobora kukwiba urukombamazi, canke bakakugirira ivyampfurambi no kukwica bakakwica. Muburire abandi kandi mwese mumenye kwikingira kuko uburundi bwarameze amenyo.