Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarungikanye ubutumwa umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame bwo gushikana indamutso ziwe ku bandi barongozi nkawe b’ibihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Afirika.
Nk’uko tubikesha iradiyo BBC,ubwo butumwa yabumushikirije kur’uno musi wa gatanu bahuriye mu nama mu gisagara ca Davos mu gihugu c’Ubuswisi, mu nama ihuza abantu bafise uruhara rukomeye mu bijanye n’ubutunzi hamwe n’urudandazwa kw’isi.
Donald Trump yavuze ati :“Ndagukeje ku gikorwa co gutwara umuryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Afirika ,n’iteka ridasanzwe,ndagusavye urashikana indamutso zanje.”
Iyo nama ibaye mu gihe haciye iminsi mike Donald Trump amenyesheje ko ibihugu vyo ku mugabane wa Afirika, ari ibihugu vy’umwanda,ariko yagumye ahakana ko atavvyo yavuze.
Ayo majambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika yatumye abarongozi bamwe b’ibihugu bigize umuryango wa Afirika nk’igihugu ca Botswana na Ghana, bamwagiriza cane kuvyo yashikirije ndetse asabwa gusaba imbabazi kurayo majambo.
Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME yamenyesheje ko baganiriye kubijanye n’imigenderabire hagati y’ivyo bihugu bibiri,Amerika gushigikira Urwanda nk’uko kibikora mu yindi mihingo y’isi,ibijanye n’ubutunzi,urudandazwa,ivy’ingenzi hamwe no gushinga imitahe.