Ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu n’ibikorwa vya Reta, bumenyeshako ikibazo c’imiduga yashaje yunguruza abantu bakizi ubu bariko barakora ibishoboka, kugira imiduga imeze neza yunguruza abantu iboneke.
Umushikiranganji wo gutwara ibintu n’abantu hamwe n’ibikorwa vya Reta,Jean Bosco NTUNZWENIMANA amenyeshako hari vyinshi bimaze gukorwa kugira imiduga myiza igikomeye yunguruza abantu iboneke.
Mu bimaze gukorwa nk’uko uwo mushikiranganji yabimenyesheje, n’ibijanye n’ibiganiro bamaze kugiranira n’abasanzwe bafasha ubwo bushikiranganji, kugira hatangwe imiduga mishasha,hamwe n’uko basavye abagendesha imiduga yunguruza abantu gukorera mu ma koperative, kugira boroherwe kuronka imiduga mishasha igikomeye.