Igipolisi cateye ibiro vy’umugambwe vy’indongozi itavuga rumwe n’ubutegetsi, Alexei Navalny, kibanje gukoresha inguvu ngo gishobore kwinjira muri urwo rugo.
Amashusho yacishijwe ku muhora wiwe wa You Tube, yerekana igipolisi gikoresha inguvu mu kwinjira, kibaza n’abantu kihasanze.
Umuvugizi wa Bwana Navalny yavuze ko igipolisi cavuze ko cari mw’itohoza ku bijanye n’igitero ca bombe.
Ico gitero kibaye haheze umunsi Bwana Navalny asavye ko haba imyiyerekano mu gihugu cose, yo gusaba kutitabira amatora y’umukuru w’igihugu ategekanywa mu kwezi kwa gatatu.
Avuga ko ayo matora — Prezida Vladimir Putin vyizewe cane ko ashobora gutogwamwo ku kiringo ca kane — azorangwamwo ubusuma.
(Bwana Navalny yarankiwe kwitoza kubera icaha yegetsweko we avuga ko caturutse ku mvo za politike.)