Imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi muri Ethiopia

Amakuru ava mu buraruko bwa Ethiopia avuga ko habaye imyiyerekano mu bisagara vyinshi mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwicanyi bwakorewe abari mu bisabisho mu ndwi iheze.

Barashwe n’abajejwe umutekano mu gisagara ca Weldiya bahejeje kuririmba indirimbo zigwanya ubutegetsi.

Ibigo vy’itangazamakuru vyo muri ako karere bivuga ko abantu 11 aribo bishwe mu gisagara ca Mersa, aho inzu nyinshi za leta zaturiwe.

Amabarabara yazibiwe mu turere twinshi tw’intara ya Amhara, imiduga iraturigwa.

Haheze imyaka itatu hari imyiyerekano y’abagwanya ubutegetsi mu ntara zibiri nini kurusha izindi za Amhara na Oromia muri Ethiopia.