Inama ya AU igiye guhuza abategetsi ba Afrika muri Ethiopia

Abarongoye ibihugu vya Afrika batanguye gushika i Addis Ababa mu gihugu ca Ethiopia mu nama y’umuryango w’ibihugu vya Afrika (AU) itegekanya kwigira hamwe ibibazo bihanze umugabane muri kino gihe.

Muri iyo nama icivugo gikuru n’ikibazo c’ibiturire, hatibagiwe ic’abimukira.

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres — ari i Addis Ababa — yabwiye BBC ko ikibazo c’abimukira gishobora kuvamwo akamaro, igihe coba cicariwe neza.

Yasavye ko hafatwa ingingo zikomeye ku baburagiza umugambi w’amahoro muri Sudani Yepfo, yongera avuga ashimitse ko Prezida Joseph Kabila akwiye gutunganya amatora uno mwaka.

Bwana Guterres yavuze ko ikibazo c’abakozi ba Onu bajanwa mu bikogwa vyo kubumbatira amahoro gikwiye kwicarigwa hakagira ibihindugwa, bitewe n’abasirikare ba Un baguma bapfa muri Afrika.

Inama ihurikiyemwo abakuru b’ibihugu ba Afrika izokwugurugwa ku munsi wa mbere, Prezida Paul Kagame w’u Rwanda akaba yitezwe gushikirizwa ku mugaragaro uburongozi bw’uwo muryango ku kiringo c’umwaka.