đIMANA ITI:TUGIRIRE NEZA ABATUGIRIYE N’ABIđ
1/Iyo duciye mu bihe bigoye,twame tumenya ko IMANA ibizi,kandi ko imigambi yayo atari nk’iy’abantu.Hariho rero impamvu nziza ku kintu cose,n’aho twoba tutabitahura muri uwo mwanya.turashobora gufatira akarorero kuri YOSEFU.
2/YOSEFU,abarira bene se ati:{Ehe nimunyegere}Baramwegera,Aravuga ati:(Ni jewe YOSEFU mwene so,umwe mwagurisha ngashorwa muri EGIPUTA,none ntimubabare ngo mwiteko umwikomo kuko mwangurishije ngashorwa ino.kuko IMANA ariyo yatumye ndabitangira imbere ngo mbe kirokora,ikigoyi kimaze imyaka ibiri mu gihugu,kandi haracasigaye iyindi myaka itanu batazoruha barimamwo canke ngo bimbure, IMANA ni yo yatumye ndabitangira imbere kugira ngo ibakize,mugire ico musiga mw isi,ibarokoze agakiza gakomeye,None rero si mwebwe mwandungitse ino,ni IMANA)
3/Nuko asezera bene se ,Bakiroko baragenda ,arababwira ati:(Mwirinde ntimutaneko umwikomo muri mu nzira!)
4/ISIRAYELI aravuga ati:{Ni vyo,biramaze, Umuhungu wanje YOSEFU aracariho! Ndagenda nje kumubona ntarapfa!}
ITANGURIRO 45:4 _24_28.
IMIGANI 24:19.Ntugashavuzwe n’ivy’inkozi z’ikibi,Kandi ntukagirire ishari abanyakibi.đAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ