Umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Jeanne d’Arc KAGAYO amenyesha ko inyuma y’ingezurwa ryakozwe mu birwati vyubatswe mu ntara zitandukanye z’igihugu, ubushikiranganji arongoye bwasanze hari abatoye ibibanza atari bo vyari bigenewe.
Mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine, umushikiranganji Jeanne d’Arc KAGAYO yavuze ko, mu mugambi w’ibirwati hakozwe ivyigwa mu birwati 20 ku bijanye n’amazi meza n’isuku.
Umushikiranganji yamenyesheje ko, kubera ivyo vyigwa, ubushikiranganji bwubatse mu birwati, utuzu twa surwumwe 823, imigende y’amazi 24, hamwe n’amavuriro 5, kubera biri mu ntumbero yo gutuma ibirwati bihurumbirwa.
Umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine yamenyesheje ko mu mwaka wa 2017, basanze hari abantu 1670 batoye ibibanza mu birwati, biri mu ntara za Cibitoke,Gitega, Karusi, Muyinga, Kayanza, Ngozi na Makamba, kandi atari bo bari babigenewe.
![]()
Jeanne d’Arc KAGAYO, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine
Umushikiranganji Jeanne d’Arc KAGAYO yasiguye ko, kugira ico kibazo cabafise ibibanza batagenewe gitorerwe inyishu, hari integuro y’itegeko rigenga ibibanza vyo mu birwati, hasigaye ko rishirwako umukono, hanyuma ibibanza bihabwe ababigenewe.