Abantu 3 bo ku musozi wa Gisyo na 3 bo muri Nkenga Busoro muri Zone ya Kanyosha, nibo berekanywe n’igiporisi kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Nzero 2018, bagirizwa guhungabanya umutekano bakoresheje imipanga.
Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE yavuze ko abafashwe muri Nkenga Busoro bafashwe igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo ine n’itanu z’ijoro,muribo hakaba harimwo n’umukuru w’umutumba.
Batatu bagirizwa gutegera abantu bakoresheje imipanga bafatiwe muri Nkenga- Busoro
Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko igiporisi cahagurutse kugira gituze ingeso yabo bita ba « rupanga » bamaze iminsi bavugwa ko bahagaritse umutekano, na cane cane mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Batatu bagirizwa gutegera abantu bakoresheje imipanga bafatiwe mu Kanyosha
Ku bijanye n’urudandazwa rw’abantu, Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko muri komine ya Mabanda hafatiwe abigeme 12 hamwe n’umusore w’imyaka 25 azwi kwizina rya Fabrice RUKUNDO, ari nawe yari atwaye abo bigeme, bakaba bari baciye muri Tanzaniya I Kigoma aho bociye batwarwa mu gihugu ca Omani.