Kenya: Abantu bane bapfuye bazize umuriro muri Kenya

Abantu amajana n’amajana baraye hanze mw’ijoro ryo ku wa mbere muri Kenya inyuma y’aho hadukiye umuriro mwinshi cane uturira inzu zabo mu kigwati ca Kijiji mu karere ka Langata.

Abantu bane ni bo bimaze kwemezwa ko bapfuye.

Abategetsi bavuga ko inzu 6.000 zahora zibamwo abantu 14.000 zahiye ziratokombera.

Icegera c’umukuru ajejwe kugwanya impanuka akaba ari we ajejwe ukumenyesha amakuru Pius Masai yabwiye ikinyamakuru cigenga ca Nation ko vyabaye ngombwa ko basaba ubundi bufasha.

Imodoka zijejwe kuzimya umuriro z’igisagara ca Nairobi zaciye zishika ariko ababa aho ivyo vyabereye banebaguye reta kuba batishikiye muri ako gace.

Mu nyuma uwo muriro bawuzimije n’aho hakiri umwotsi wari ukiboneka hejuru muri ako karere mu gitondo.

Abahaba babwiye abamenyeshamakuru ko bahahombeye ibintu biciye amamiliyoni y’amashilingi, bamwe bakaba bahomvye ivyo badandaza abandi amazu yabo.