SOS Torture : Abantu 4 barishwe, abandi barahagarikwa mu kiringo c’indwi

Abantu 4 bishwe, babiri bahakwa kwicwa, mu gihe abandi bahagaritswe hadakurikijwe amategeko, harimwo babiri bagirizwa kwigisha gutora Oya, mu matora y’ibwirizwa nshingiro, mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kura 27 Nzero 2018.

Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bahagaritswe, harimwo abanywanyi babiri b’umugambwe utavugarumwe na Reta , bagirizwa kuba bariko bigisha abanyagihugu kutemeza ibwirizwa nshingiro bitegekanijwe ko rizokwemezwa canke rihakanwe , mu kwezi kwa gatanu 2018.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umwana w’imyaka itatu, ku mutumba Samwe, komine Rugombo,mu ntara ya Cibitoke, ahitanywe na gerenade , mu gihe abandi bana babiri bakomeretse .

Ico cegeranyo nyene, kiragaruka kw’ihagarikwa rya Charles BACAMURWANKO na Emmanuel MANIRAMBONA , abayoboke b’umushingamateka Agathon RWASA muri komine Gasorwe, intara ya Muyinga, bagirizwa kwigisha gutora Oya mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.