Umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yipfuza ishirwaho ry’isoko rusangi.

Mu nama igira iya 30 y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afirika UA ,umukuru mushasha w’iryo shirahamwe Paul KAGAME yamenyesheje ko umuti w’ibibazo vy’umugabane wa Afrika bizoca mu guha amahirwe abanyafrika ubwabo, biciye mu rwaruka.

Uwo mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika,Paul KAGAME,yarashimye kubona yaratowe yongera yizeza ko azokora akazi neza,ubu akaba agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’umwaka .

Paul KAGAME yavuze ko, mu vyihutirwa gukorwa ari gushiraho isoko rihuza abanyafrika bose hamwe no guteza imbere igisata kijanye no gukoresha ubuhinga bwa none, kuko ata gihugu covyishoboza kidakoreye hamwe n’ibindi.

Ico uwo mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika yashimangiyeko n’intererano buri gihugu gitanga mu guteza imbere ibikorwa vy’iryo shirahamwe,ujanye n’ikori rishika ku bice 2 kw’ijana ritozwa ku bidandazwa bivuye hanze ririko riratangwa, rituma amafaranga atari make ubu ariko araboneka.

Paul KAGAME yijeje ko naho haciye igihe kirekire umugabane wa Afrika ufise ibibazo biwuhanze,kubitorera inyishu bitazofata umwaka umwe gusa, ariko uyu ko ariwo mwanya kugira bakoreshe amahirwe batakaje.