Amerika yatezuriye ingenzi z’ibihugu bigwiriyemwo Islamu

Ubutegetsi bwa Leta Zunze ubumwe za Amerika bwavuze ko ingingo yo gukumira abanyagihugu baturuka mu bihugu bivugwa ko vyobangamira umutekano wa Amerika yahagaritswe, ariko bakazosuzumwa cane imbere yuko binjira.

Umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo mu gihugu hagati (Kirstjen Nielsen) yavuze ko hazoba ibikogwa vyo gusuzuma ko hari icohungabanya umutekano imbere yuko izo ngenzi zinjira mu gihugu.

Ubutegetsi burongowe na Trump bwarakumiye abanyagihugu bava mu bihugu bigwiriyemwo idini rya Islamu na Korea ya Ruguru mu kwezi kwa cumi 2017.

Impunzi 23 zituruka muri ivyo bihugu nizo zashoboye kwinjira muri Amerika kuva ico gihe, igihe umucamanza wa Seattle ahagarikiye iyo ngingo y’ubutegetsi.