Igice c’inyubakwa zikoreramwo igisata kijejwe gutanga amatongo ECOSAT cahiye ku mutaga wo kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 30 Nzero 2018. Amakuru ava mu begereye aho hakorera ico gisata, amenyesha ko umucanwa woba wavuye ku muyagankuba.
Amakuru ava mu begereye ahakorera ECOSAT, amenyesha ko uwo mucanwa watanguye nk’igihe c’isaha zitandatu n’iminota 40, igihe babona umwotsi mwinshi uva ahari inyubakwa ico gisata gikoreramwo.
Amakuru ava muri ico kibanza, ari naho hasanzwe hakorera ubushikiranganji bw’ibidukikije, amazi, amatongo no gutunganya ibisagara, amenyesha ko hari ibitari bike vyononekaye, mu gice c’ububiko.
Imodoka y’igiporisi muri zimwe zizimya umuriro, zahavuye zihashika kuzimya, naho nyene hari ivyari bimaze kwononekara.