Mu kiganiro ku vyaranguwe mu bushikiranganji bwiwe mu mwaka uheze, umushikiranganji Deo Guide Rurema yagarutse ku ndwara yadutse mu ntara ya Gitega, Mwaro na Kirundo mu ntango z’uku kwezi yica impene zishika hafi ibihumbi bine.
Uwo mushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi yatangaje ko ibanki y’isi yemeye kuzoshumbusa abantu impene zabo zishwe n’indwara mu ntara za Gitega, Kirundo na Mwaro.
Izo mpende avuga ko basanze zishwe n’akaranda zandujwe n’izavuye muri Uganda ku mugambi wari ushigikiwe n’ibanki y’isi.
Gitega yarababaye gusumvya
Intara yababaye cane yabaye Gitega haharurwa izirenga ibihumbi 3 zapfuye, ku rugero rutoyi hakurikira Kirundo hoba hapfuye amajana abiri na Mwaro 80.
Umushikiranganji Deo Gide Rurema avuga ko amatohoza yakozwe basanga zandujwe n’impene zavuye muri Uganda.
Izo mpene zavuye muri Uganda zitangwa mu miryango yo muri izo ntara, yari amasuguru yo gutuma havuka ubwoko bw’impene bwiza ku zisanzwe ziri aha mu Burundi.
![]()
Inyama y’impene irabujijwe kuribwa mu ntara iyo ndwara yagaragayemwo, gushika ubushikiranganji butanze uruhusha
Kubuza kurya inyama z’impene
Ingingo zafashwe kugirango iyo ndwara ntihave ikwiragira ahandi canke ngo igire ingaruka ku bantu, n’ubu ngo ziracakora.
Harimwo kutarya inyama z’impene muri izo ntara yagaragayemwo n’uko ata mpene yohava ngo ijanwe ahandi gushika abahinga b’ubushikiranganji batanze izindi ntumbero.
Muri kahise ka vuba k’u Burundi ntihari haherutse kuvugwa akaranda k’ibikoko.
Umushikiranganji w’u Burundi ajejwe uburimyi n’ubworozi yatangaje ko ibanki y’isi yemeye kuzoshumbusha abantu impeme zabo zishwe n’indwara mu ntara za Gitega, Kirundo na Mwaro
Amatohoza ngo aracakorwa kugira hamenyekane aho ibintu vyononekariye.