Abanyagihugu ba Kenya bafise ubwoba, inyuma y’aho urunani rw’abatavugarumwe na Reta NASA rumenyeshereje ko Raila Odinga yaruserukiye mu matora ategerezwa kurahira ko agiye kurongora igihugu, kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 30 Nzero 2018.
Umukuru w’urunani NASA Raila Odinga,yahamagariye abayoboke biwe kwitaba ku kibuga Uhuru Park kiri ku murwa mukuru Nairobi, bitwaje ibitambara vyera vyerekana amahoro, mu birori vyo kurahira.
Raila Odinga yavuze ko igiporisi kidashobora kivyinjiramwo, kuko bishobora gutuma haduka indyane, kandi ko nimba kurahira bishobora kumutwara ubuzima canke bigatuma apfungwa yiteguye kuvyemera.
Umukuru w’igiporisi Japhet Koome yamenyesheje ko badashobora kwemera ko haba ihungabanywa ry’umutekano, kandi ko ata murwi n’umwe urekuriwe guhagarara ku kibuga Uhuru Park.
Umushikirizamanza kizigenza mu gihugu, yavuze ko hamwe Raila Odinga yorahira azoba ahemukiye igihugu ku rugero ruri hejuru, kandi bishobora gutuma aciribwa igihano co gupfa.
Ku ruhande rwiwe,umunyamabanga mukuru w’urunani NASA Norman Magaya, yavuze ko uwohagarikwa wewe bizoba bidakurikije amategeko, ariko ko ubutegetsi bushoboye vyose, ariko bishobora kugira ingaruka zikomeye.