Umukuru w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga yirahije ka mukuru w’igihugu imbere y’isinzi ry’abantu bamushigikiye mu kibanza co kuruhukiramwo Uhuru Park, naho yatsinzwe amatora aheruka.
Yavuze ko Abanyekenya barambiwe n’ubusuma bubera mu matora, ngo uyu muhango ni intambwe mu nzira yo kushinga demokrasi ibushitse.
Imbere y’ivyo birori, igipolisi ca Kenya cugaye ibigo bibiri vy’imboneshakure (Citizen TV na NTV) vyari bigiye kwerekana ivyo birori.
Umwe mu barongoye izo mboneshakure yabwiye BBC ko abakozi b’ikigo kigenzura itumanako bari kumwe n’igipolisi, binjiye mu kigo ciwe bahagarika iyo mboneshakure.
Ni ubwa mbere mu gihugu ca Kenya
Ubutegetsi bwa Kenya bwaragabishije ibigo vy’itangazamakuru ngo ntivyerekane ivyo birori vyofatwa nk’uguhemukira igihugu mu gihe Bwana Odinga yatsinzwe mu matora yo mu mwaka uheze.
Abanyagihugu baharurigwa mu majana bakoraniye ku kibanza ca Uhuru Park habera ivyo birori, naho igipolisi cari catangaje ko kizohazibira ntihagire uwujayo.
Amatora yo mu kwezi kw’umunani 2017 yaragizwe impfagusa kubera ibitagenze neza, aya kabiri atitabiwe na Bwana Odinga, atsindwa na Prezida Uhuru Kenyatta.