Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko, igiporisi cafashe uwitwa NDUWAYO Isaac , inyuma yo gutora inkoho, aho yari ihambwe mu nzu yari asanzwe abamwo.
Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi, amenyesha ko nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Nzero 2018, ku musozi Muyange wo muri Komine Nyabihanga , mu ntara ya Mwaro, ariho uwo NDUWAYO Isaac yafatwa.
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga ko amaze kubazwa, ariho NDUWAYO Isaac yerekana iyo nkoho yari ihambwe mu nzu.
![]()
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ,inyuma y’amatohoza basanze iyo nkoho yibwe umuporisi azwi kwizina rya APC SIBONIYO Pierre Claver, akorera ku kirindiro co mu Mbogora,muri komine Nyabihanga, ikaba yari yibwe itariki 10 Nzero 2018.