Rumonge & Makamba : Impunzi 7951 ziva muri Kongo nizo zimaze kwakirwa

Impunzi 7951 nizo zimaze gushika mu Burundi zivuye mu gihugu ca Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo. Zimwe zishikira mu ntara ya Rumonge, izindi zigashikira muri komine Nyanza-Lac, mu ntara ya Makamba.

Amakuru ava k’urubuga rwa Twitteur rw’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko impunzi 6140 zashikiye mu ntara ya Rumonge, mu gihe abashika1811 nabo bashikiye muri komine Nyanza-Lac yo mu ntara ya Makamba.

Izo mpunzi ziva mu gihugu ca Repubrika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, zimenyesha ko zihunga intambara zihuza abasirikare b’igihugu hamwe n’abarwanyi b’umurwi wa Mayi Mayi Yakutumba zibera mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko.

Impunzi zavuye muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, mu Rumonge

Abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge, bamenyesha ko abamaze kwakirwa bamwe baca bajanwa mu makambi y’impunzi, naho hari abandi bobo basaba ko bosubizwa mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.