Ubushinwa burahakana ko ata makuru bwiba mu nyubakwa z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika

Igihugu c’Ubushinwa cahakanye ivyagiriji ko cama gitwara amakuru mu kinyegero avuye ku nyubakwa y’icicaro c’ishirahamwe ry’ibihugu bigize ubumwe bwa Afrika I Addis Abeba ku murwa mukuru wa Etiyopi.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ko igihugu c’Ubushinwa kimaze imyaka 5 hari amakuru akurwa kuri ico cicaro ajanwa i Shanghai igihe c’isaha zitandatu z’ijoro.

Uwuserukira Ubushinwa mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Ubumwe vya Afrika, Kuang Weili yamenyesheje ko ico cegeranyo kirimwo ikinyoma.

Ivyo yabishikirije umunsi ico cegeranyo gisohoka hasigaye umusi umwe kugira inama ihuza abakuru b’ibihugu vy’iryo shirahamwe batangure inama yabo igira ya 30 kur’uyu w’Imana .

Iyo nyubakwa ishirahamwe ry’ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika ifise inzu zigerekeranye 20 ikaba yubatswe n’abashinwa ,bivugwa ko yatwaye amadorare imiriyoni 200, ikaba yatanguwe gukorerwamwo kuva mu mwaka wa 2012.