Umutumiro wo gusengera uburundi n’abarundi wa Mercredi na Samedi

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI

Turabaramukije amahoro y’Imana, Shalom! Witegereje ibiriko biraba hirya no hino kw’isi, utirengagije n’ibiri mu gihugu cacu c’Uburundi birateye agahinda.

Uretse yuko tuja imbere y’Imana vy’umwihariko (ejo mercredi na samedi) kugira dushimire Imana yuko yatuzigamye, turanayisenga ngo ikomeze kuzigama abarundi bose mu bwicanyi buriko buraba, mu nzara n’ubukene bitagira uko bingana; mu rwanko rwakwiragiye irya n’ino eka no muri kazoza kadatomoye neza.

URUFATIRO: “Abarundi ntibazokwama mu marira n’amaganya imyaka yose ategwa n’ubwicanyi, uruhungo, urwanko, akarenganyo, amacakubiri, inzara n’ubukene. Imana iraje kuroranya igihugu.”

IGISOMWA N’INYIGISHO: (2 Abitesalonika 1:3-12) Duhamagarirwa twese kugira

-Ukwizera ivyo Imana yavuze vyose no kubizirikanako (méditation)

-Ugusenga gufatanije no kwinginga (Prière et Supplication)

-Urukundo ku Mana no kubantu tutaravye amoko canke imiryango, intara , imigambwe canke amadini.

* Some Yohana 13:34-35; 1 Petero 4:8; Luka 6:32.

* Tugira dukomezwe mukugira ukwizera guhamye, mukugira urukundo rutanyiganyizwa, no mukugira imigenderanire n’Imana muri Yesu Kristo.

* Tugiye twese gukoreshwa n’Imana ivyiza vyinshi.

* Tugiye kubona ubwiza n’ubushobozi bw’Imana.

* Izina ry’Imana rigiye gushigwa hejuru kubwo ibikogwa igiye kwikorera.

IMITWARO:

– Gusengera Ihanga ry’Imana ry’Abarundi, abarongozi, abadiyakoni, abasenzi, abavugishwa n’abarundi bose.

– Gusengera abarundi isinzi baboshwe n’amacakubiri, urwanko, n’ibindi vyaha vyinshi bitandukanye.

– Gusengera abapfunzwe, abahunze, abarwaye n’abarwaje, abugarijwe n’ubukene n’inzara, abadundumijwe n’akarenganyo n’agahahazo.

Tubaye turabashimira kukwitangira iki gikogwa c’iteka mugiye gukora muri iyo minsi ibiri.

Ni dusangwe Imana, Uburundi n’Isezerano.

Bigiriwe I bujumbura kuwa 30/01/2018

http://www.abisezerano.com