Umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yamenyesheje ko bari muri « Amerika nshasha muri kino gihe », mu gihe yariko ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko iryo jambo ryumvirijwe cane, kandi n’abantu benshi, akaba yavuze koyugururiye amarembo abari mu mugambwe wabademokrate kugira bakorane bafatanye mu nda.
Donald Trump yavuze kandj ko,yatanze itegeko ko ibohero rya Guantanamo riguma rikora, mu kuburizamwo itegeko ry’uwahora atwara igihugu Barack Obama ryo kwugara iryo bohero ritumvikanwako na bose.
BBC ivuga kandi ko, umukuru w’igihugu yemeje ko ubutunzi bwa Amerika bwiyongereye cane, naho ibikorwa vy’umukuru w’igihugu bidashimwa na benshi.