Kuva isaha icumu na zibiri gushika isaha zibiri z’igitondo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018, igiporisi c’Uburundi cakoze igikorwa co gusaka mw’ibohero rikuru rya Gitega. Muri ico gikorwa hafashwe amaterefone ngendanwa n’ibindi harimwo amacupa y’inzoga.
Nk’uko biri ku cegeranyo catanzwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, muri ico gikorwa hafashwe terefone ngendanwa 6 zo mu bwoko bwa Android , terefone ngendanwa zisanzwe 18, amacupa 7 ajamwo inzoga za Amstel ariko agaragara.
Ico cegeranyo kandi, cerekana ko hafashwe ivyuma 19 bikoreshwa mu gushira umucanwa mu materefone ngendanwa, umugozi , imbugita zitanu, ikarata zituma umuntu ahamagara zitatu, hamwe n’imisumari n’ivyuma bikoreshwa mu kwubaka.