Ikiringo co kwiyandikisha ku bazokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro camenyekanye

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi CENI, amenyesha ko igikorwa co kwiyandikisha ku bazokwitaba amatora yo guhakana canke kwemeza ibwirizwa shingiro ategekanijwe mu kwezi kwa kabiri.

Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi utegura amatora CENI amenyesha ko igikorwa co kwiyandikisha ku bazokwitaba amatora, kizotangura kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2018.

Itegeko rishinga ico kiringo ryateweko umukono n’abagize umurwi CENI kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Nzero 2018.

Ata gihindutse, bitegekanijwe ko ata gihindutse, amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, azoba mu kwezi kwa gatanu 2018.