Imvubu yarasiwe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika

Imvubu imwe yarishwe n’abasirikare ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Nzero 2018.

Amakuru dukesha abakorera ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika hafi y’aho iyo mvubu yiciwe, amenyesha ko iyo mvubu yishwe mu gihe yari yasohotse iva mu kiyaga Tanganyika ica igwa mu kinogo, bica vyanka ko ivayo.

umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru, akamenyesha ko iyo mvubu yiciwe hagati y’ikibanza Petit Bassam na Karera Beach.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, avuga kandi ko iyo mvubu yishwe mu gihe hari abakozi b’ubushikiranganji bw’ibidukikije.