Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko rihagaritswe umutima n’umutekano muke ubandanya kwibonekeza mu buseruko bw’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko mu ndwi imwe, abarenga igihumbi n’amajana abiri bamaze gufata ubwato bahungira mu gihugu ca Tanzaniya, benshi muri bo bakaba ari abagore n’abana.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko abarenga ibihumbi indwi bamaze guhungira mu Burundi,bakaba bahunga intambara zihuza abasirikare ba Reta n’abarwanyi b’umurwi Mayi Mayi, mu buseruko bw’igihugu.
Mw’ishirahamwe HCR, bavuga ko abanyagihugu benshi bahunga igihugu, kuko abarwanyi babinjiza ku nguvu mu mirwi yabo.
Naho igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ikorera aho muri Kongo, MONUSCO,kirimwo abasirikare bashika ibihumbi 18, abarwanyi baramaze kubagirako ibitero.