Lieutenant Général TSHIBANGU umukuru wa FPCCD (Front du Peuple Congolais pour le Changement et la Démocratie ) ,umurwi wihaye kugwanira ihinduka na demokarasi muri Kongo yafashwe kuri uyu wa 30/1/2018.Yafatiwe ku kibuga c’indege i Daressalam muri Tanzaniya avuye mu gihugu ca Kenya.Ifatwa ryiwe ryavuye ku gusamara kwiwe kukwerekana igitabo c’inzira kidahuye n’amazina yo kw’itike yiwe.Abajejwe uruja n’uruza babonye utwo tunenge bakatumwereka ,niho yagangabuka karerekana rurupapuro ruhuye na tike yagendeyeko maze bica biramenyekana ko yari afise ibitabo vy’inzira 2 .
Kimwe muri ivyo bitabo ari naco kidahuye na tike yafatiye ko urugendo nico caragaje ko ari umwe JOHN TSHIBANGU yari aherutse kumenyesha ko azotekeza Kabila hamwe atohagarika gitoteza abakozi b’Imana n’abanyagihugu na cane cane kwemera gukinjura bitumwe n’uko ikiringo ciwe caheze.Afashwe imisi 45 yatanze . Impungenge zihari nk’uko twabibwiwe n’umurundi yururukanye indege nawe bava muri Kenya n’uko uwo mugabo bashobora kurungikwa mu gihugu ciwe maze agahava asinzikarizwa ubuzima. Haba muri Congo canke Tanzaniya nta kiravugwa ku mugaragaro, uretse ko ubuserukizi bwa Kongo bwiriwe burakora ibishoboka kugira uwo mugabo arungikwe i Kinshasa. Agihagarikwa Yafashwe nk’inpfungwa isanzwe yarenze amategeko y’uruja n’uruza ;ntawuzi ivyakurikiye.