Iyo urose uguruka bisobanura iki? Nkuko twabibabwiye, mugusigura indoto abantu bishimikiza ibintu nyamukuru bitatu:(1) Ico Imana igomba kuguhishurira, (2) Ico umubiri wawe n’ivyiyumviro vyawe bishashaye, (3) n’ico izo ndoto zawe zishobora gusigura muri rusangi.
Umuntu iyo adushikirije indoto ziwe turaheza tukakusigurira duhejeje gusenga ico Mpwemu Yera azivugako canke ico umutimanama, umubiri wiwe n’ubwenge (psychique) bwiwe vyipfuza. Ngaha rero tubashikiriza muri rusangi ico indoto zishobora gusigura kuri uwariwe wese.
Nkuko twabibemereye, reka tubahe insiguro zindoto urota uguruka mukirere ico zisigura:
1. Ni uko uba usanzwe muvyo ubayemwo hari ivyo ushaka guhindura.
2. Ni uba ushaka umwidegemvyo muvyo ubayemwo, ivyo wirirwamwo, akazi ukora, abo mwirigwana canke mubana.
3. Ni uko uba usigaye ufise urundi rugero rusumba ugwo wahorana mubijanye no kwizera muburyo bw’impwemu.
Ingene rero urota uguruka navyo bifise insiguro karangura ituma utahura neza mukwishura utubazo dukurikira:
-Mbega uba uguruka uhagaze, uryamye ukitse,wicaye canke ucuramye?
-Uba uri wenyene canke urikumwe n’uwundi muntu?
Tuzosubira hanyuma Imana ibazigame.
Dr Dusengumuremyi Merlin.