Dusangire amajambo avuye k’umusozi w’amasengesho

IVYAHISHURIWE YOHANA13,14:Yohana yerekwa abamarayika batatu.

6 kandi mbona umumarayika wundi aguruka yatiriye ijuru afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’Imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose

7 Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukwigihec’amateka yayo gishitse, musenge Iyaremye ijuru n’isi n’ ikiyaga n’amasoko y’amazi

8 umumarayika wundi wa kabiri akurikirirako, ati kirakomvomvotse , kirakomvomvotse Babuloni , ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose vino ni yo burake bg’ ubushakanyi bgaco

9 umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, ati avuga n’ijwi rirenga ati Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n’igishushanyo caco akemera gushirwakw ikimenyesto mu ruhanga canke ku kiganza,

10 uwo na we azonywa kuri vino,ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo.kand’azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazishira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro,abasenze ca gikoko n’igishushanyo caco,umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.

12 aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.

13 numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, riti Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu mwami. Kandi mpwemu ara vuga, at’Ego me ,ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.