Namibia: Abasirikare bagiye kurungikwa mu karuhuko kubera ubukene

Ibihumbi vy’abasirikare bo mu gihugu ca Namibia bazorungikwa mu karuhuko mu kwezi kuza bitewe nuko igisirikare kidafise amahera yo kubagaburira, kuriha amazi n’umuyagankuba mw’ikambi indwi, niko ikinyamakuru co muri Namibia canditse.

Abasirikare bari basanzwe mu karuhuko muri kino gihe, basabwe kudatonda ku mirimo, niko kibandanya kivuga.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buri mu ngorane zikomeye z’amahera, inyuma yaho amahera akigenegwa agabanirijwe, leta irondera kugabanya amahera ikoresha.

Ivyo vyatumye Prezida Hage Geingob ahagarika ingendo zo hanze ku bakozi ba leta.

« Nta kete ryo gusaba kuja hanze rizokwihwezwa ukwezi kwa kabiri kutarangiye, ryaba iryanditswe n’umushikiranganji, icegera ciwe canke uwurongoye ibiro vya politike, » niko itangazo ryo mu biro kwa Prezida rivuga.

Bwana Geingob yarahagaritse gukoresha indege y’igihugu igenewe kumurerura, akaba aheruka kuja mu nama y’abakuru b’ibihugu y’Ubumwe bwa Afrika muri Ethiopia mu ndege isanzwe yo kwunguruza abantu.

Bwana Geingob yiyemeje kuja hanze bikenewe cane, ari kumwe n’abantu bake, niko umuvugizi wiwe Albertus Aochamub yavuze, niko itororokanirizo ry’amakuru AFP ryanditse.

Kuva mu myaka ya vuba, amadeni ya Leta yaduze, bigatuma igisata c’abinjiza imitahe kigira amakenga ku bijanye n’ubutunzi bw’ico gihugu co muri Afrika yo mu bumanuko.