ONU yahinduye imvugo ikoreshwa mu kwibuka ihonyabwoko mu Rwanda

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryafashe icemezo co guhindura imvugo yari isanzwe ikoreshwa ku munsi mpuzamahanga wo kwibuka ihonyabwoko ryakorewe mu Rwanda mu 1994, ikitwa  » Ihonyabwoko ryakorewe abahutu, abatutsi n’abandi » aho kwitwa ihonyabwoko ryakorewe abatutsi.

Inyito yari isanzwe izwi ku itariki ryindwi z’ukwa kane, yafashwe mu 2003 yari « jenoside yo mu Rwanda ».

Ariko leta y’u Rwanda yavuga ko bidasobanutse, igakoresha « jenocide yakorewe abatutsi ».