Umuvyeyi w’incungu ya Demokrasi akaba n’umukuru w’igihugu wa mbere yatowe n’abanyagihugu yashinguwe kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018. Ibirori vyo guherekeza irya nyuma uwo muvyeyi vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA.
Ivyo birori vyatanguriye mu buruhukiro bw’ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge, ahakuwe ikiziga ca Tereza BANDUSHUBWENGE umuvyeyi yari asigaye w’incungu ya Demokrasi Melchiro NDADAYE.
Nk’uko vyari vyashikirijwe mw’itangazo ry’umukuru w’igihugu ryasomwe n’umuvugizi wiwe Jean Claude KARERWA NDENZAKO, kuw’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018, ko Reta yofasha mw’ishinguranwa n’iteka uwo muvyeyi, ivyo birori kandi vyari vyitabwe n’umushikiranganji wo kumenyesha amakuru hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.
![]()
Umukuru w’igihugu aramukanya n’umukenyezi w’umuhisi Melchior NDADAYE
Muri ivyo birori kandi hari umukenyezi w’umuhisi Melchior NDADAYE, incungu ya Demokrasi.
Ibirori vyo gushingurana iteka umuvyeyi wa Melchior NDADAYE incungu ya Demokrasi, vyaciye bibandaniriza ku muhana w’umuhisi, ku mutumba Murama, komine ya Nyabihanga, mu ntara ya Mwaro.