Aba Maï Maï Yakutumba bo muri Sud-Kivu, ibintu ntivyifashe neza. Kuva aho baterwe n’abasirikare ba Lara ya Congo kwizinga bashinzeko ikirindiro gikuru i bubwari, abantu benshi bagahungira i Burundi, nabo nyene barahunze.
Draguila, azwi nkicegera c’umukuru wabo ba Yakutumba ashinzwe kurwanira mu kiyaga nawe nyene ari murabo bashikirijwe leta ya congo.
Bibiriwe bariko bagomba kwigarurira akarere k’ubuvira baca bahungishwa n’utwato. Bane muribo bakimeretse cane baracavurigwa I burundi. Birazwi neza yuko ingabo Monusco arizo zababurijemwo iyo migambi yizo nyeshamba zatanzwe nugwego gwiperereza rw’uburundi.