NUSENGE SO WAWE ARI AHIHEREREYE
UKUMENYA GUSENGERA MU MUTIMA.
INYINJIZO.
Mu kurema umuntu, Imana yamugabiye ubuzima nyabwo. Umuntu nawe, aho yacumura, yarafutanije iyo ngabire ntangere y’ubuzima. Kugira ngo naho kamere ya muntu isubire kugira ubuzima bwiza, Imana yo nyene yararungitse Umwana wayo, Jambo ry’Ubuzima. Atubwira ati: « Naje ngo intama zironke ubuzima, kandi ubuzima bwuzuye » (Yoh.10,10). Ubwo buzima ni agasase k’Ubuzima bw’Imana nyene. Mu kubudusangiza (Iyoh.1,2-3), Imana irabuteragira muri twebwe, natwe tukabwakira mu kwemera: bwadutashe mw’Isakramentu ry’Ibatisimu (Yoh.3,3-8.16).
Ico Imana ishaka ni uko ubwo buzima tubuzigama (I Tesal.4,3.7) maze bugakomera, bugakura, kandi bukagwira; ni nka kurya nyene Yezu yabugereranije n’akabuto ka senapi gaterwa, kagakura, kagacika igiti kinini, gisagaraye kandi cama (Mat.10,31-32). Ugukomeza no gukuza ubwo buzima ni yo nzira y’ubweranda tugenderamwo dufise umwizero w’ukuzoshikira ubuzima budahera twemerewe n’Imana (Tito3), aho tuzobona Imana imbona nkubone (Ivyah.22,4) tukaronka urugori rw’ubutungane (II Tim.4,8).
Ubu rero tukiri kuri urwo rugendo, dusabwe gukora kugira ngo ubwo buzima bugwire (Mat.20,1-7) be no kurwana indwano nziza (II Tim.4,7). Inyigisho y’Ekleziya iratumenyesha uburyo twokorera ubuzima bw’Imana muri twebwe kandi tukaburwanira. Uburyo bukuru ni butanu: ukwakira Ijambo ry’Imana, ukwakira no gukomeza ubuzima turonka mu masakramentu, ugusenga, ukurondera no gukomeza ingeso nziza, n’ugusangira urugendo rutujana i bukama. None rero ugusenga ni imwe mu nkingi zishigikiye ubuzima Imana yatugabiye kandi bwagenewe kuramba mu buninahazwa bw’Ijuru. Imana yaremanye umuntu iteka ryo kuyirondera, kuyishikira no kuyaga na Yo. Mbere dufashe akarorero ku Barundi, turategera iryo teka muri rya jambo abavyeyi bavuga mu guhoza umwana ngo: « Ese Imana yakumpaye icompa tugahura nopfukama nkayisenga… ». Ariko rero umuntu yarondera Imana ahujagirika kandi akayisenga ahushagura kubera kamere yiwe yazingamitswe n’igicumuro ca Adamu. Ibitabo vyeranda biratwereka ingene Imana yonyene yagiye iragarura umuntu kugira ashobore kuyisenga yo nsa kandi neza, n’umutima uyiyobokeye. Aho Imana ishakiye kwegera abantu mu kurungika Jambo wiwe yigize umuntu, uwo mwana w’Imana yarigishije abiwe gusenga mu kubamenyesha uwo basenga, mu kubaha akarorero ko gusenga no mu kubabwira ingene bosenga neza.
Yezu rero yategekeye abiwe kutavuga menshi mu gusenga; yarabamenyesheje ko Data ari we basenga, umuvyeyi abakunda, none ko bomwerekezako umutima bamwishimiye.Yarababwiye kandi ko Data bomusengera ahiherereye: «Weho rero ni washaka gusenga, injira haruguru hiherereye, wugare urugi, uheze usenge So wawe ari ahiherereye; na we So wawe abona ikitaboneka azobikwishura » (Mat.5,6).
Natwe abakristu, twaramenye ko aho hiherereye ari hamwe nyene Mwana w’Imana yama akunda kwigira ngo ahwane kandi ayage na Se, amusenga mu gacerere. Twaramenye kandi ko aho hiherereye ari ho Data ashaka guhwanira n’abiwe kugira ngo abayagire na bo bamwishure. Twaramenye kandi ko aho hiherereye Imana yishakiye kuyagira n’abayo ari mu mutima w’umuntu: « Igihe kiraje, mbere kirageze, aho abasenga nyagusenga bazosengera Data mu mutima no mu kuri, kuko abasenga gurtyo ari bo Data ashima.» (Yoh.4,23).
Hasigaye rero ko umuntu akundira Imana kugira ngo umutima wiwe ube koko « Ingoro y’Umwami ». Papa Yohani Paulo wa II avuga ko ukutamenya kwinjira aho hiherereye, kugira ngo umuntu asenge nya gusenga, ari uguhomba rwose. Avuga ati: « Abantu benshi boshoboye gusenga mu mutima mugabo ntawabibigishije. Ariko tumenye: igihe abakristu batagize ico kiyago co mu mutima, baragoyagoya, ibikorwa vyabo bikaba nk’ikinjanja casirana, nakwo ukwitwararika ivy’Imana, iyo kutazimanganye, kugatituka »
Tugiye lero kugerageza gutegera hamwe ugusenga mu mutima ico ari co, twongera turondere kumenya uburyo bwo gusenga Data gurtyo.
IGICE CA I: UGUSENGA NI UGUSERUKA MU NYONGA
Z’IMANA.
1.Igisabisho.
Twihweje ijambo « igisabisho », dusanga riva mu rivuga « gusaba » riteweko ingobotozo -ish-. Igisabisho rero ni ico umuntu akoresha mu gusaba. Mu gusaba Imana dukoresha amajambo, ivyiyumvro canke ivyipfuzo twerekeza kuri yo, tuyiserurira ikiri ku mutima. Irivuga « gusaba » ryabaye nk’iryamize ayandi majambo avuga ico tubwira Imana ingene kiba kimeze: gukenguruka, guhaya, kuninahaza, guhereza, kuzamba, gushimagiza. Muri izo mpande zose, igisabisho ni ico dukoresha duserurira Imana ikiri ku mutima.
Igisabisho cinjira mu gusenga .Ugusenga ni igikorwa c’ukwegerta no guseruka mu nyonga z’Imana.Ariko nta muntu yoshobora guseruka imbere y’Imana ngo bahwane, bayage kandi banywane, Imana yo nyene itaje ngo imwiyereke, imukwegakwege, imuyagire,…Ugusenga rero ni igikorwa rusangi gisangiwe n’Imana be n’umuntu: Imana iravuga kandi irakora, umuntu na we akakira kandi akishura.Umukama yaciye inzira imuzana iwacu kandi idushikana i wayo: iyo nzira ni Yezu Kristu, ni We Rembo (Yoh.10,9).
Kubera ko ari igikorwa rusangi c’Imana n’umuntu, ugusenga ntiguhera mu bisabisho tuvuga (prières orales). Cane cane ugusenga kurangwa n’agacerere, aho twegera Imana, tukayumviriza, tukayihweza, tukinovora ivyiza vyayo. Aho hose ntidushobora kwakira, kwumviriza no kwiyumvamwo ivyiza biva ku Mana, tutari mu gacerere gakwiye. Iri jambo tuzorigarukako hanyuma.
2. Ugusenga gushemeye.
Ugusenga ni ugushira imbere ivyiyumviro canke ivyipfuzo vyiwe. Uwusenga ntatumwa n’ubukene bwiwe canke bw’isi. Ntasenga araba icamuka mu gusenga. Haba mu kuvuga ibisabisho, haba mu gacerere, ugusenga ni uguseruka imbere y’Imana.
a). Ko ugusenga ari uguseruka imbere y’Imana, ugusenga bishemeye ni ukureka Imana ikagira ubuzima uko ishaka (fiat). Ica mbere, ni ugushira imbere Imana, ni co kibanza cayo, n’umwanya wo gusenga ni umwanya wayo; ugusenga ni ukwinjira mu mugambi idufitiye kandi ifitiye isi. Ivyo rero bisaba ko usenga yikurako ibifashi n’ibisabagiza umutima, kugira ngo yishire yizane mu nyonga z’Imana, muri we ata kizitiye Imana iza kumuramutsa.
b).Ko atawushobora kuyaga n’uwo atazi, ugusenga gushemeye gusaba gushira imbere Ijambo ry’Imana kugira dusenge Imana tuzi (Yoh.4,22), nk’uko Yezu Jambo w’Imana nyene yayitumenyesheje (Mat.11,27): ni Data. Ijambo ry’Imana riradutyorora, riratugaburira, riratumurikira, riraduhingura,…Rimeze nka ya mvura idasubira iyo yaguye iva itaranguye ico uwayirungitse yari yatumbereye. Ni ukwakira rero Ijambo ry’Imana rikatuyobora, twemera rwose ko ridushikana.
c). Ko ugusenga ari ukwinjira mu mwanya w’Imana ituyagira kandi ihindura ubuzima bwacu, ico gikorwa kidusaba gufata umwanya ukwiye wo kuyegera, kuyumviriza no kuyishura. Umutima wakira ishaka ry’Imana ubanje kuvomerwa mu mwanya ubereye kandi utagereranije. Turakeneye kumenya gusobanura (discernement), mu bidutera tutiteguye canke mu bidufatira, ibikwiye n’ibidakwiye kutubuza gusenga mu mwanya ukwiye. Ivyo twishingira (mes raisons) n’ivyo twishakiye (mes volontés) ni tumenye kuvyigizayo.
d). Baravuga ko igisabisho gishobora gufasha umuntu guhunga ibigoye n’ibibabaza mu buzima. Ariko ugusenga nyakwo gutegerezwa kutwinjiza mu mibereho y’isi kugira ngo tuyihindure. Ukubona uko ubuzima buri gutegerezwa gutuma dusenga . Kandi ugusenga kudufasha kubona no gufata ubuzima uko buri mu minwe y’Imana, tugashobora rero guhimbaza ubuzima mu Mana no kuninahaza Imana mu buzima.
3. Icerekana ko ugusenga gushemeye ni ivyamwa
gusasagaza mu buzima.
Ivyo vyamwa vyamuka ku gusenga gushemeye vyibonekeza cane cane mu buryo bubiri: umutima uhinduka be n’ukwuzura n’abandi.
a). Umutima wahindutse ni urya uteze nk’irembo, maze ukaba unogeye Umukama, umwishimira rwose. Uwumaze kugabana uwo mutima ntaba acihambirira ku gushaka kwiwe, ku kazina kiwe canke ku bushobozi bwiwe. Yezu ni karorero kuzuye k’uwo mutima unogeye rwose Imana. Igihe yari azigirijwe n’amagorwa atagira uko avugwa, ni we yavuze ati:
« Dawe, ndaguhereje umutima wanje » (Luka 23,46)
« Dawe, nkiza iyo kalisi, ariko ntibibe nk’uko jewe nshaka, ni
bibe nk’uko wewe nyene ubigomba »(Mar.14,36).
Ni we kandi yigishije abiwe gusenga n’uwo mutima:
« Dawe, izina ryawe ni rininahazwe, ubwami bwawe ni buze, ivyo ushaka ni bigirwe… »(Mat.6,9-10).
b). Ukwugururira umutima abandi, ukwuzuza na bo n’ugusangira na bo ubuzima. Ivyo bifatiye ku kwiyumvamwo y’uko turi umwe muri Kristu, ko turi abamwe kuko turi ingingo z’umubiri umwe. Ukwo ni ko vyari mu bakristu ba mbere, bari begeranijwe n’ugusangira igisabisho n’Ijambo, be n’ukumanyura umukate w’ubuzima. Muri ubwo buryo, barafashanya kwikingira ngo isi ntibamire. Bashira vyise hamwe, bagasangira, gurtyo isangiramutima rikajana n’isangiratunga.
4. Ibikenewe kugira ngo haboneke ugusenga gushemeye.
Kugira ngo umuntu ashikire ugusenga gushemeye, hari ibintu ngombwa bimwe bimwe ategerezwa gushikako mu gushikirana n’Imana.
a). ukurondera ishaka ry’Imana tukaryihambirirako kugira ngo kandi turirangure, twigana Yezu Mwana w’Imana. Aho twigana Yezu we yitavye Se mu kuvuga ati:
« Dawe, ndaje ngo ndangure ico ushaka »(Hebr.10,7).
« Infungurwa yanje, ni ugukora ico uwantumye ashaka,
n’ukurangura igikorwa ciwe »(Yoh.4,34).
Ukurondera n’ukurangura ishaka ry’Imana, bisaba gusobanura no gutegera ico Imana ishaka koko; bisaba kwakira ico Imana ivuga kandi itegereza ngo tuvyiyumvemwo; bidusaba mbere kubaza Imana duti: »Mbega Dawe unshakako iki? »
Turakeneye kumenya gusobanura kuko ico Imana idushira mu mutima kimeze nk’’ingano zimera hamwe n’urwamfu rw’imbizi, n’impengamiro, rw’ivyipfuzo, rw’ibishika n’ivyo tumenyereye kugenderamwo. N’iyo ivyo bitoba ari bibi, si ukuvuga ko ari vyo Imana iba itwoheje. Ikibereye kandi Imana ishaka tukimenya buke buke, kandi ntivyoroshe kubera ko umuntu akunda kwihambirira ku vyiwe . Ni na ho mbere umuntu akenera icabona c’Imana, « directeur spirituel », ariwe muntu afasha kubona no gusobanura neza ibibereye n’ibitabereye.
b). Ugushinga ingingo n’ugutora uburyo bwo kurangura ico Imana ishaka kandi yatweretse, kandi tukabirangura nk’uko ibishaka nyene, tudafatiye ku bituryohera canke ku bitworohera.
c). Ukwama maso kandi ukararira kugira ngo ivyiza Imana ishaka ko tugenderamwo ntibihave biduca mu myanya y’intoke ngo bizimire. Bisaba rero ko umuntu aguma araba ko ayoborwa na Mutima.
5. Ugusozera.
Intumbero y’ugusenga ni ukwuzura n’ukunywana n’Imana. Uwusenga arifashisha ibisabisho yerekeza ku Mana. Ariko ugusenga nyakwo kurangwéa n’agacerere. Ni ho Yezu Kristu rero yabwirije abiwe basenga Data kwinjira mu gacerere k’umutima kugira ngo ico gikorwa bakirangure gishimwa: abasenga mu mutima no mu kuri ni bo Data ashima.
IGICE CA II: INYIGISHO ZA TEREZA W’i AVILA
YEREKEYE INTAMBWE Z’UGUSENGA.
Umweranda TEREZA w’i AVILA aratwigisha amabango y’ingazi idugana urondera kunywana n’Imana mu nzira y’ugusenga . Uwo Mweranda abanza gutandukanya imyanya ibiri mikuru iri mu gusenga havuyemwo ukuvuga ibisabisho (prières vocales).
II.1. Umwanya witwa « ascétique » canke « actif ».
Muri uwo mwanya ni ho haba icitwa »oraison ordinaire ».Aho ni hamwe umuntu asenga mu muzirikano (oraison de méditation), canke mu gushira imbere igishika c’uurukundo (oraison affective), canke harya yiyorosha arondera kwibera imbere y’Imana (oraison de simplicité). Muri izo ntambwe z’uwo mwanya wa « oraison ordinaire » uko ari zitatu, dusenga dufashijwe n’inema zisanzwe: « Umutima urakunda kandi ugakundwa, urarondera kandi ukaronderwa, urahamagara kandi ugahamagarwa » (Thomas d’Acquin, Opuscules 5). Hinge dusobanure mu ncamake izo ntambwe zitatu.
1. Ugusenga kujana n’ukuzirikana.
Ukuzirikana ni umwimenyerezo wikwiye mu kwunganira urya arondera gutera imbere mu bweranda. Umuntu ategerezwa kuwugira ukwawo kandi neza, nubwo bishobora gushika Imana ikaza nk’umushitsi, mu gihe co kuzirikana, maze uwusenga akinjira muri wa mwanya twita « mystique » canke « contemplatif ». Mbere uzi kuzirikana neza ni we ashobora n’ukugabana n’uwo mwanya « contemplatif ».Tuvuga lero ko uzirikana neza asa n’uba yugururiye irembo ubwihwezamana.. Tubanze lero twihweze ukwo kuzirikana neza ingene guteye.
a. Ukwitegura: umuntu abanza kwiyumvamwo ko aserutse mu nyonga z’Imana ishaka kumuyagira. Arihereza Imana akayishikanako. Arongera agasaba umuco wa Mutima Mweranda.
b. Ugusoma canke ukwumviriza neza Ijambo umuntu aramutse azirikana.
c.Ukuzirikana ni ukurondera gutegera, n’ubwenge bumurikiwe n’ukwemera, ukuri Imana ishaka kuduhishurira mw’Ijambo ryayo. Ukubona n’ugucakira ukwo kuri maze kugashika mu muzirikanyi, ni co gikuru kigize intimatima y’ukuzirikana ( la pénétration de la vérité).
d.Ukuzirikana kandi ni ukunoganza Ijambo ( ruminer) kugira ngo ricike imfungurwa nyayo y’ubuzima. Uzirikana arinoganza mu kuryerekeza ku buzima bwiwe.Ariko rero urama umenya ko ukuzirikana gufise intambamyi kama: hakenerwa ko umuntu yama maso (attention); ariko ugusamara nakwo kukama kuyerereza ubwenge. Umengo ukwiyumvira kwama kuvyara ubusamazi, ubwo nabwo bukaza bubangamira ukuzirikana.
e.Ukuzirikana nyakwo kuvyara mu mutima igishika co gukunda ukuri bwa bwenge bwabonye, maze ukwo kuri kugataha umuzirikanyi nk’itunga canke nk’iciza gihimbara uzirikana. Niho lero hakurikira igisabisho (élans du coeur) umutima werekeza ku Mana kubera iciza wagabanye, mbere usenga agasaba n’inema yo gushikisha ico ciza mu buzima. Aho rero ni ho haba kwa gusenga gufatiye kukuzirikana Ijambo ry’Imana. ni yo ntambwe ya mbere y’ugusenga mu gacerere k’umutima. Ukwakira n’ugutegera Ijambo bitegura ikiyago (colloque) uzirikana asangira n’Imana.
f.Uzirikana aca ashika ku ngingo y’ico yokora uwo musi kugira ngo ico yazirikanye kiranguke mu buzima, gurtyo Ijambo ry’Imana rishobore kumuhindura no kumukuza mu bweranda.
g.Ugusozera: Haba igisabisho co gusaba, co kwihereza, co
gukenguruka, co kuninahaza, …
Menya: None rero umenyereye kuzirikana mu buryo bukwiye,
harya ageze mu kiyago be n’Imana, birashoboka gushika
ko yumva Mutima We Mushitsi w’umutima wiwe,
yugururiye irembo Imana yo nyene ije imugana, ikaramutsa,
ikamugabira (expérience mystique). Muri ico gihe aca yiyo
rosha, akanyereza ubwenge, akareka Mutima akamuyobora,
akaja mu ntambwe zikurikira z’ugusenga, mbere Mutima
akamushikana no muri « oraison contemplative ».
2. Ugusenga n’igishika c’urukundo.
Usenga amaze guseruka mu nyonga z’Imana, agatekanya umutima, araheza akumva ko Mutima amwosha kuyagira Imana ikiri ku mutima mu kuyininahaza, mu kuyambaza, mu gutangarira ubukuru n’ubwiza bwiwe, mu kuyibwira urukundo ayifitiye canke mberre mu kuyitura imyitwarariko n’ibibabaje umutima (Zab.33; Sam.1,9).Ugusenga gurtyo kurafasha kwizera rwose Imana, kuyitega amatwi, kwitura mu maboko y’Imana Muvyeyi, kwitanga no gukunda bose.
Akunguko ko gusenga gurtyo ni kanini cane: usenga arumva uruhoza mu mutima rumushimisha rwose, akiyumvamwo ingene Yezu ari umugenzi amuzanira amahoro n’akanyamuneza, kandi agatangarira Yezu mu nyifato yiwe atubera akarorero k’imico myiza: ukwicishabugufi, ukugira impuhwe, ukwitonda.
Ariko kandi hari intambamyi dushobora gusangamwo.Usenga arashobora kwishinga arondera ibimuryohera (sentimentalisme), akaguma arondera kugabana ivyo yipfuza aho kumenya guhanga amaso Yezu ngo amubere akarorero amugabira kandi amwihishurira nk’umukunzi w’umutima wiwe. Kandi usenga arashobora kwihenda, yiyemeza ko ateye imbere cane mu gusenga n’ugukunda Imana kubera ivyiza yiyumvamwo kandi bimushimisha.
3. Ugusenga n’umutima utekanye kandi woroshe.
Muri iyo ntambwe y’ugusenga, umutima uba umaze kwegeranya ubushobozi bwawo: bwaba ubwenge, kwaba ugushaka, ziba imbizi, nta na kimwe kiba kigisabagiye, gurtyo rero usenga araheza akinjira wese mu mutima kandi agaseruka wese imbere y’Imana. Wese aba yoroheye Imana, yishize mu minwe yayo kandi atekanye, kuko aba yacubije ivyiyumviro n’ibimushika afashijwe n’inema zisanzwe Imana yama yadutabaje. Aho rero turumva ko agacerere kaba kamaze gukomera. Usenga arakundira rwose Imana imukwegakwega, akayegera, agatangura gutangarira ivyiza Umukama amugabira (regard intérieur intuitif), bikamushika, akiyumvamwo cane igikorwa ca Mutima. Ni co gituma bavuga ko ugusenga gurtyo ari « oraison de contemplation acquise » .
Umaze gushika kuri urwo rugero rw’ugusenga mu gacerere gakomeye n’umutima utekanye, araronka ingabirano za mbere za « contemplation infuse » . Imana iriko iramuramutsa iramuraba ryiza, nawe akumva ko ivyiza biriko biramutaha, akumva ko uwo mwanya umubereye mwiza. Umutima wiwe uba watanguye kwinjira mu gihe co kwuzura n’Imana (vie unitive).
Usenga gurtyo amenyera kubona Imana no kuyegera n’igishika c’urukundo, ibiremwa na vyo akabibona n’amaso y’ukwemera aberanye n’uko Imana ibishaka. Ako ni akunguko gakomeye usenga hakura.
Ariko kandi hari n’intambamyi irimwo: ni ubusamazi kubera ivyiyumviro biva mu bwenge-nyererezi (imagination) no bwenge-kigega (mémoire). Usenga aguma arwanya ivyiyumviro bitajanye n’igikorwa arimwo.
Aho nyene kandi muri iyo ntambwe nyene, n’aho usenga ahakura uruhoza rw’umutima, kenshi birashoboka ko yumva agumirwa, ntiyumve ko ibintu bitera imbere nk’uko yavyipfuza. None ni kubera iki?
Cane cane ni ukubera ko, muri ico gihe, Umukama atutura kamere y’umuntu wa kera , kugira ngo aremareme umuntu mushasha (le spirituel) . Nkako, umuntu aba yari asanzwe yitwararika kurondera ubweranda no gusenga akoresheje inkomezi ziwe asanganywe. Araheza rero agashika ahantu ananirwa, kuko aba ageze kure, agakenera rero ukuboko kw’Imana. Imbere y’ico gihe, usenga aba yahora ameze nk’umwana agihekenyerwa, mbere akaguma ku vyo Imana imuha bimushimisha ariko atarondera Imana yo nyene ubwayo. None rero imusaba kutavyihambirirako, kugira ngo atsinde « amour-propre » kandi ashobore kugabirwa n’ibiruta.
Ugusozera.
Izo ni zo ntambwe zitatu zigize kwa gusenga twita « oraison ordinaire », aho umuntu asenga akoresheje inguvu ziwe nayo Imana ikamufashisha inema zisanzwe. Ariko twarabonye ko mu ntambwe ya gatatu ya « oraison de recueillement ou de simplicité » usenga arondera gutekana no kworohera Imana mu gacerere kuzuye (contemplation acquise), na yo Imana ikamuramira mu kumutekanya no mu kuvomera umutima wiwe (contemplation infuse ou mystique) n’inema zisanzwe: ni kwa kwinjira rero muri wa mwanya ugira kabiri witwa « mystique ».
II.2. Umwanya witwa « passif » canke « mystique »
canke « contemplatif ».
Uwo mwanya « mystique » urangwa n’uko Imana ishika mu mutima w’uwusenga be n’ukumuramutsa. Urangwa kandi n’uko Imana ikora kubw’inema zayo zidasanzwe (grâces mystiques), kandi ikagumya usenga muri « passivité ». Uwo mwanya wa « oraison contemplative » urimwo intambwe 4 zitandukanywa n’ingene umuteramyi yiyumva muri imwe imwe.
II.2.1. Ugusenga mu mutima uruhukiye mu Mana,
ari co bita »oraison de quiétude ».
Muri iyo ntambwe y’ugusenga, ugushaka ntigukora. Ububasha n’urukundo rw’Imana biragusagira kukamera nk’ukuboshwe, ariko usenga akumva ivyiza agabana bikamutera agahimbare kenshi. Ingabirano y’ubwitonzi ni yo ituma usenga yiyumva gurtyo. Uko gusenga kurangwa n’ukwibera mu mahoro y’Imana,kuko umuntu aba agabiwe inema yo kuba umwe na yo.
1. Turabe bimwe bimwe mu vyerekana yuko usenga yashitse muri iyo ntambwe y’ugusenga :
a). Usenga yumva umutima wiwe utashwe n’Imana, akiyumva mu mutekano ukomeye atari bwashikemwo, akumva ko hari akantu kanyurira mu mutima ariko bikamara akanya gatoyi.
b). Muri ico gihe, Imana irihariza ugushaka ntikube kugikora; ubwenge bwo burakora, ariko ku buryo na bwo nyene budatoba amahoro umutima urimwo. Rimwe na rimwe umuteramyi arashobora kugira « sécheresse contemplative », ntagire ico yumva agabana, kubera ko Imana yamaze kuboha « umuntu wa kera », ubwenge n’ugushaka na vyo bitagikora uko bisanzwe. Muri ico gihe rero, umutima urashabora kugira ico wongorera Imana, gurtyo bikorohereza umuteramyi kubandanya gusenga.
c). Muri ico gihe kandi umuteramyi arashobora kuryoherwa mu buryo bushasha, hakaza n’akanyamuneza. Ariko kandi aranashobora kubabara kubera ukuremerwa n’ubuntu bw’Imana. Umutima urabandanya kubona igikorwa c’Imana ukagitangarira.
2. Muri iyo ntambwe umuteramyi ategerezwa kumenya kwakira inema ahabwa mu gusenga n’umutima uruhukiye mu Mana. Baravuga ko abakristu bazi kwakira izo nema ari bake. Kubera iki?
a). ukugene babayeho kurashobora gutuma badasenga bikwiye kandi mu mwanya muremure.
b). Ukutamenya uburyo bw’ugusenga gushikana neza mu bwuzure n’ubunywanyi bw’Imana .
c). Ugutwarwa n’ibikorwa vyinshi, hanyuma usenga ntagire akanovera k’uguseruka mu nyonga z’Imana.
d). Ukutagira ukwiheba gushitse n’uguhozako mu nzira y’ukuyoboka n’ugushimisha Imana.
None rero, inema z’ukwuzura n’Imana zitaha umutima uteze nk’irembo kandi urangwa n’urukundo rwuzuye. Ivyo none bisaba iki?
1° Bisaba gushira imbere ingeso y’ukwicisha bugufi be n’ukwiyegurira Imana yo Muvyeyi twizera kandi tukishimira rwose. Birakenewe cane kuko muri ico gihe umuteramyi arashobora kugabirwa ingabirano y’ubwenge imuzanira umuco wo gutegera ibinyegezwa vy’Imana (vie illuminative). Atitonze rero, arashobora kwishiramwo ko adakeneye ivyabona canke abahanuzi bomufasha gusobanura ibintu n’ibindi no gutera imbere. Aho ni ho havuye abantu biswe « quiétistes ». Mu bisanzwe, uko umuteramyi arasirwako n’umuco w’Imana, ni ko ategerzwa kwibona ko ari ntamagara n’umucumuzi, agaheza akifata ruto mu nyonga z’Imana.
2° Bisaba ukumenya kwiheba rwose.
Imana yuzuza urukundo ushobora kurwitaba no kuyihebera rwose. Ugukunda mu buryo butabereye n’ukwihambirira ku bintu no ku bantu, ku vyiyumviro no ku bishika, ni intambamyi ruhasha izibira inzira y’ukwuzura n’ukunywana n’Imana. Ukubura inguvu zo kwiyonkora ivyo bintu, ugasanga umutima ntushoboye kwakira ibitubabaza n’ibitugerageza, kurwanya utugeso tubi n’ibicumuro be no kwikorera umusaraba, ni co cane cane gituma umuntu adatera imbere mu bumwe n’Imana.
3° Bisaba kandi ukumenya kworohera Mutima Mweranda.
Paulo mweranda ni we atubwira ati: « Ntimubangamire Mutima Mweranda » (Ef.4,30). Ahandi naho ati: « Ko tubeshwaho na Mutima, ni tuyoborwe na Mutima… » (Gal.5,25).
Inema ziufasha kwuzura n’Imana zigwira uko usenga amenye kwaira ingabirano za Mutima, cane cane iz’ubwitonzi n’ubwenge. Ugukundira Mutima atwosha ivyiza gutuma ingabirano ziwe zishika kandi zigakomera mu mutima, zigaheza rero zikatugwiriza inema zitunywanisha n’Imana.
II.2.2. Intambwe z’ugusenga wuzuye kandi unywanye rwose
n’Imana.
Tereza w’ i Avila atubwira ko abateramyi benshi bashika mu ntambwe y’ukuruhukira mu maboko y’Imana, ariko ko ari bake bayirengana . Abarenganye rero, Mutima w’Imana arashobora kubayobora mu ntambwe zitatu za nyuma z’ugusenga aho umutima uguma usagirwa kuruta kandi uhingurwa rwose n’Imana: ni co citwa « union mystique » .
Ukwo kwuzura n’ukunywana n’Imana ni ingabire; ntawuyironka ngo ni uko avyipfuza. Ico umuntu agira ni ukubandanya kugorora umutima awutegurira kwakira ingabire z’Imana: mu buzima bwiwe, abigira mu gukomeza ingeso nziza no mu gukuza agacerere n’umutekano mu mutima.
Muri ubwo bwuzure, Imana irumvisha ko ihangamye ariko ntiyiyerekane uko iri; umuteramyi ntamenya uko Imana iri, mbere biramunanira n’ukuvuga ingene wenyene ameze. Hinge rero tugire ico tuvuze ku ntambwe imwe imwe.
1. Ugusenga n’umutima unogeye Imana rwose.
Ugusenga n’umutima unogeye Imana rwose ari co bita « oraison d’union pleine » kuba hamwe ubwenge n’ugushaka vyuzuye n ’Imana maze bigasagirwa rwose n’igikorwa ca Mutima Mweranda. Umutima uratahwa n’Imana ku buryo ushobora n’ukwishika. Nta busamazi buba bukigora umutima, kandi uwusenga ntaba akirambirwa n’ukuguma mu Mukama, na none ubwenge ntaco buba bugikora, kuko Imana iba yiharije umutima. Inema z’ubwuzure Imana igabira umuteramyi zirahingura rwose umutima.
2. Ugusenga kurangwa n’ukujanwa mu Mana.
Bamwe bavuga ko iyo ntambwe y’ugusenga ari iy’ukureshanya kw’Imana n’umuteramyi. Ugusenga gurtyo kuba harya umutima umaze kwinjira mu Mana; amayira yose atuma umuteramyi yumva canke yiyumva ntaco aba agishikana mu mutima. Ugusenga gurtyo kurangwa cane cane n’ukujanwa wese mu Mana.. Akarorero k’ukwo kujanwa n’Imana tukabona nko kuri Paulo Mweranda (2Kor 12,1-3).
Muri ico gihe, umuteramyi ntabura ububabare. Hariho mbere bamwe, nka Marthe Robin, basangiye amagorwa gurtyo na Kristu mu kubabara kweranda kwiwe.
Hari abadategera ukurahwa kw’umutima be n’ukujanwa mu Mana, bakavyitiranya n’indwara zimwe zimwe batubwira muri « psychiâtrie » . Ariko biratandukanye. Urwaye izo ndwara yerekana ibimenyetso vy’ugushikwa mu mubiri wiwe n’ugusabagira (agitation), be n’amajambo adatonze… Ariko uwugabiwe ukujanwa mu Mana, umutima wiwe uguma utekanye, wiharijwe n’ububasha-nyoberane bw’Imana. Kandi igihe umuteramyi ariko araheza iyo ntambwe y’ugusenga, agaruka atekanye neza.. Vyose rero biba mu mahoro, ata kintu na kimwe giharavye muri we.
3. Ugusenga kurangwa n’ubunywanyi buhebuje bw’imitima.
Ubwo bunywanyi buhebuje ni co bita « oraison de mariage spirituel » y’Imana n’umuteramyi. Ni yo ntambwe ya nyuma uwusenga ashobora gushikira, kandi ni intangamarara y’ubuhirwe bwa bwa buninahazwa Umukama yadutegurira: « Hahiriwe abatumiwe mu bugeni bw’Umwagazi » (Ivyah19,9). Muri iyo ntambwe, umutima uba usagiriwe n’urukundo rw’Imana, ntuba ukirahwa kuko uba uri mu bumwe bwuzuye n’Imana.
Ugusozera.
Izo ntambwe z’ugusenga tuzishikirizwa mu nyigisho ya Ekleziya. Umweranda Tereza w’i Avila ni we yatomoye neza izo ntambwe zigize inzira ijana kandi igashikana mu mutima w’Imana..
Kandi iyo nzira si iyo kurondera Imana kure. Kubera ko Imana yishakiye kuza iwacu, maze umutima wa muntu ikawugira Ingoro yayo, iyo nzira ni iy’ukwegera n’uguhura n’Imana yo mushitsi w’umutima wacu. Tuzohava tugerageza gutegera ingene iyo nzira ishobora kubera umuteramyi ngufi kandi irashe, igaheza rero ikitwa « oraison du coeur » .
Twarabonye ko ugusenga ari igikorwa rusangi c’Imana n’umuteramyi. None imbere y’uko dusigura ubwo buryo bwo gusenga, birakenewe ko tumenya ingene Imana irangura igikorwa c’ukuduhuza n’ukutunywanisha na yo. Ni yo nyigisho tugiye gushikako mu gice gikurikira.
2. Ijambo « oraison du coeur » rivuga iki?
a) Ijambo « oraison » riva mu kilatini « orare », ni ukuvuga gusenga.
Ukwo gusenga nakwo ni ca gisabisho kiva ku mutima kandi gishika ku nyota.
b) Ijambo « oraison du coeur » ni kwa gusenga mu mutima no mu kuri (Yoh 4, 23).
Oraison du coeur ni umwanya wa twe n’Imana, umwanya wo guhwana n’Imana tugahura buhure, tukayaga, tukanywana, tugacudika kandi tukuzura na Yo.
Ni kandi ikiyago c’uwumvirije Imana, akanyurwa, maze Ijambo yakiriye rikamubera inkoramutima, maze nawe agatangara, akishura mu mutima utekanye no mu gacerere. Iyo nyishu ni igishika kivuye ku mutima wartyorowe, wanyuzwe n’akayago k’Imana kandi utekanijwe na Yo; ni yo nyishu y’urukundo y’uwusenga nyagusenga ari we muteramyi. Kuri urwo ruhande « oraison du coeur » ni igisabisho co mu mutima.
c) Twibaze:
1. Mbega ku bwawe, aho usanzwe ugeza ubu, oraison du coeur ni iki?
2. Mbega uramaze kugerageza igisabisho co mu mutima?
Wiyumvisemwo iki mu mwanya w’ico gisabisho?
3. Ingorane ubona zibangamira ukwo gusenga mu mutima ni izihe?
4. Hari uburyo ubona bwo kuzikiza?
d) Inyishu zimwe zimwe:
1. Ugusengera mu mutima ni iki?
1. Igisabisho c’imvamutima aho tuba umwe n’Imana.
2. Ukwinjira mu mutima ugahura n’Imana, ukanywana na Yo, mbere
Mutima akishongora muri wewe (murmures de l’Esprit).
3.Mu kwinjira mu mutima, « ahiherereye », mu ndiba y’umutima.
4.Kwibera imbere y’Imana mu gacerere.
2. Muri « oraison du coeur » wiyumvamwo iki?
1. Akanyamuneza n’agahimbare. 5. Inyota yiyongera.
2. Ugusoma « nturi » mu Mana. 6. Ukuremurukwa
3. Igishika c’urukundo. 7.Ugutekana mu mutima n’ukurema.
4. Ukuryoherwa 8.Amahoro mu maboko y’Imana.
3. Ingorane zibangamira « oraison du coeur ».
1. Ugusamara kubera ivyiyumviro. 6. Ukwemera kugoyagoya.
2. Uguhunikira mw’itiro. 7. Ukwikunda n’izindi
ngeso mbi.
3. Uburuhe n’ukuremerwa. 8. Ukugaduka ku mutima.
4. Amagara make y’umubiri n’umutima. 9. Umwanya n’igihe
bitabereye.
5. Ikibanza kitorohereza.
4. Uburyo bwo kuzikiza.
1. Ukwibabaza n’ukurwanya
ingeso mbi. 6.Ukwitegura neza.
2. Uguhereza Imana icatuzitiye. 7.Ugushaka gutuma uhozako.
3. Ukumenya kugira agacerere
mu mutima. 8.Ugutora ikibanza kibereye.
4. Ukwigira inama yo gutsinda. 9.Ukuruhuka neza.
5. Ugusaba Imana iyo ntsinzi. 10.Ukumenya guhanuza.
11.Ukwirukira amasakramentu kenshi.
III.IGIKORWA C’IMANA MU MUTIMA W’UMUTERAMYI.
Twaramaze gutegera ko igikorwa c’ugusenga ari rusangi: gisangiwe n’Imana be n’umuteramyi. Turakeneye gutegera ivyo Imana irangura kugira ngo tumenye gukundira Imana n’ukworohera igikorwa ca Mutima Mweranda we Ndongozi n’Umwigisha w’ugusenga .
« Data aba muri jewe ni We yigirira ibikorwa vyiwe.
(…)unyemera azokora na we nyene ibikorwa nkora;
ndetse azokora n’ibiruta, kuko ngiye kwa Data;
Data nawe azobaha uwundi Mutabazi muzokwamana imisi
yose. (…)Muramuzi kuko abana namwe kandi ari muri
mwebwe. Ni We azobigisha vyose yongere abibutse ivyo
nababwiye vyose (Yoh. 14,10.12.16-17.26).
Ico gikorwa c’Imana mu mutima w’umuteramyi kiranguka mu ntambwe zose z’ugusenga, haba mu mwanya witwa asc‚tique canke mu mwanya mystique. Aho hose Imana iratyorora kamere ya muntu, igatekanya umutima kandi igatunganya umuzirikanyi n’ugushaka, gutyo umuteramyi akagabirwa inema y’uguhwana n’ukwuzura na Yo.
III.1 Igikorwa c’Imana mu mwanya « asc‚tique » w’ugusenga.
Birashika ko umuntu yahora asenga neza kandi yitwararika guteza imbere ubuzima bw’umutima aciye ku masakramentu no mu ngeso nziza, hagera igihe yumva bihinduka, maze ntabe aki banguka mu vy’Imana mbere bikanamubihira, ukamengo Imana yamukuyeko amaboko.Bishitse lero akihebura agaheba n’ugusenga, n’uko aba atarategera ingene Imana ikora mu ntambwe yose y’ugusenga,ntaheze ngo amenye ko biva ku Mana.
1. Muri ico gihe, Imana iramwonkora ku biremwa, ikamutyororera impengamiro-kama, igatuma uyo muntu yihambirira kuruta kw’ishaka ryayo. Twovuga yuko ukwo ariko Imana imuvana mu Misiri ikamucana mu bugaragwa, imutegurira kwinjira mu gihugu c’amata n’ubuki. Ukwiyumva usenga yahora arondera akoresheje ubushobozi bwiwe busanzwe kuragabanuka, nayo Imana ikamugaburira imfungurwa y’umutima atarasanganywe twogereranya na ya mana yo mu gahinga, imukomeza mu ngeso ndoramana. Cane cane Imana ikora mu kurwanya muri twebwe impengamiro zitabereye n’ingeso mbi zisivya inzira irora ku Mana.
Inkurunkuru muri izo ngeso ni ubwishime, umwina w’ivy’isi,ubunebwe n’ishari. Ubwishime butuma usenga yishimiriza mu vyo akorera Imana, gurtyo akibara uko atari. Umwina w’ivy’isi nawo utuma acambirwa ibimufitiye akamaro, maze agashima ivy’umutima bigera hagufi: ugusoma inyandiko ukwiyumvira ,ukwirukira n’ukugwiza ibikoresho nk’amasanamu, amashapule, imisalaba, n’ibindi… Ubunebwe mu vy’umutima butuma usenga atinda akabihirwa n’ivy’Imana, ahari akanyamuneza hagasubira ukwijirwa.
Ishari mu mutima rituma usenga yijirwa no kubona uwundi atera imbere mu rukundo n’ingeso nziza, gushika naho, iyo abuze ukwicisha bugufi, amagara make yiwe atuma yihebura akitako ishavu.
Izo zari ingeso zimwe zimwe za kamere ya kera Imana ikiza umutima wacu kugira ngo dutere imbere mu gusenga.
2
Ibimenyetso bimwe bimwe vyerekana ko usenga ariko arahingurwa gurtyo(20) ni nk’ibi:
a) ukubura inguvu zo kuzirikana;
b) ukutihambirira ku vyiza dukura ku biremwa, vyaba ibintu
canke abantu;
c) ukwiyumvira Imana n’igishika c’urukundo ariko mu
mwanya muto gusa, ntaryoherwe n’ivy’Imana, agaheza
agahororokerwa.
2. Mu gurtyorora umuteramyi ngo agabirwe inema yo kwuzura n’Imana, uwo muteramyi ahundwa ingabirano za Mutima Mweranda. Nazo ni: ubwenge, ubumenyi, ubwitonzi, ubuhanuzi, ukwubaha, ubukomezi, n’ugutinya Imana. Izo ngabirano ni zo zunganira ingeso nziza; nazo nkuru nkuru zikaba ari: ukwemera, ukwizigira, urukundo, ubwitegereji,ubutungane, ubukomezi n’ubwirinzi. Uronse izo ngabirano maze zigakora muri we, araheza agakomera, akoroherwa mu nzira y’ubweranda kandi akabanguka mu kugamburukira akosho ka Mutima mweranda.(21)
Ingeso nziza n’ingabirano zirunganiranira ariko ntizikora kumwe.
Ingeso nziza zikora zisunga ubwenge n’ugushaka kwa muntu, nubwo inema ifasha ariyo ituma ubwa mbere iyo ngeso nziza iranguka.
Mu ngabirano za Mutima naho, Imana niyo imurikira ubwenge ikongera igaha inguvu ugushaka, nubwo umuntu agumana ukwishira n’ukwizana kwiwe. Aho lero umuntu ntaba akimenya ibintu akoresheje ukuzirikana n’ugutegera ubwenge busanganywe, ariko amenya kubw’urukundo. Ingabirano za Mutima ni umuco wirasira uva mu Rukundo kandi ukatumenyesha ukuri kubw’urukundo.
Ingabirano zine zidufasha kumenya ukuri mu guha umuco ubwenge bwacu; izo ni: ubwitonzi, ubwenge, ubumenyi n’ubuhanuzi. Izindi zitatu nazo zikora mu guha inguvu ugushaka kwacu; nazo ni: ubukomezi, ukwubaha n’ugutinya Imana. Zitatu muri zo zifasha mu kwunga ubumwe n’Imana n’ukunywana na Yo: ni ubwitonzi, ubwenge n’ubumenyi; zine nazo zikadufasha mu kuyisenga no kuyiyoboka n’umutima wacu be n’ubwenge bwacu bwose: ni ubuhanuzi, ubukomezi, ubwubashi n’ugutinya Imana.
Ingabirano za Mutima zirakuza umuntu maze zikamushikana mu buhirwe. Dufate uturolero tumwe tumwe.
* Ubuhirwe bw’abanyamahoro bujana n’ingabirano y’ubwitonzi (Jer.20,9);
* ubuhirwe bw’abari n’umutima mwiza bujana n’ingabirano y’ubwenge(1 Kor.2,9; 1 Yoh.3,2; 1 Kor.13,12);
* ubuhirwe bw’abalira bujana n’ingabirano y’ubumenyi (Amam.1,10; Fil.3,7-12; Iz.55,8;Iz.4,3);
* ubuhirwe bw’abashonje n’abanyotewe ubutungane bujana n’ingabirano y’ubukomezi(2 Kor.12,9;Fil.4,3);
* ubuhirwe bw’aboro bujana n’ingabirano y’ugutinya Imana.
Ugushaka gutyororwa n’ugukuza ingeso-ndoramana y’urukundo ariyo ikiza kurya kwihambirira ku biremwa. Harya hose umutima ukunda ikiremwa na kimwe ucikubirako, ugushaka ntigushobora gukunda Imana uko ikwiye gukundwa.
3
Nico gituma lero Imana ikuza ingeso nziza ikanazunganira mu kugabira umutima ingabirano za Muti
Ukwo ni ko Imana ikora mu mutima w’umuteramyi imutyorora kugira ngo atere imbere mu gusenga. Iyo usenga abandanije iyo nzira, Imana imutegurira kwinjira mu mwanya wa « union mystique ».
Aho lero Imana iba yamaze kuboha wa « muntu wa kera »: ugushaka ntikuba kugikora, ubwenge nabwo bugakora ku buryo budatoba umutekano umutima urimwo. Tugira lero turabe ingene Imana ikora muri uwo mwanya.
III.2.Igikorwa c’Imana mu mwanya « mystique » w’ugusenga.
Muri uwo mwanya Imana ikora mu gutanga inema zidasanzwe zifasha kwunga ubumwe na Yo, zimwe zitwa « gr…ces mystiques ». Kubw’izo nema, Imana irihariza ugushaka, igaha umuteramyi ukuryoherwa mu buryo bushasha kurimwo n’akanyamuneza. Imana kandi irashobora kumuha ukubabara iyo ubukuru n’ubutore vy’Imana biremereye ubwenge bwiwe;muri ico gihe ni ho Imana ityorora umuzirikanyi iwutegurira kwuzura rwose nayo.
Ityororwa ry’umuzirikanyi.
Aha kw’isi, uburyo dufise bwo guhwana n’Imana be no kunywana na Yo ata kindi giciye hagati ni ingeso-ndoramana: ukwemera, ukwizigira n’urukundo. Igih
Iyi nyigisho ndayikunze pe.YESU ahezagire abatumye tubihabwa.
J’aimeJ’aime