Afrika Yepfo: Zuma yarahiriye ANC ko atagenda yemeye gutanga imihoho

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma yanse ibisabwa n’umugambwe uri ku butegetsi, ANC, vy’uko yotanga imihoho nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

We n’abayoboke bakuru ba « African National Congress » (ANC) bari mu biganiro ku munsi wa Mungu, abarongoye umugambwe nabo bagategekanya gukora inama yihuta uno munsi.

Ibinyamakuru vya Afrika y’epfo bivuga ko Bwana Zuma yirengagije ivyo umugambwe umusaba, yanka gutanga imihoho ariko ibija kuvugigwa muri iyo nama ntibirasohoka.

Bwana Zuma, akurikiranwa ku bijanye n’ibiturire, yasubiriwe na Cyril Ramaphosa ku burongozi bwa ANC mu kwezi kwa 12.

Julius Malema, ari mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi kandi yahora mu mugambwe ANC, yavuze kuri Twitter ko Bwana Zuma yanse gutanga imihoho.

Zuma aremerewe n’abamusaba gutanga imihoho ariko we avuga ko ataco yiyagiriza

Yagize ati « Yanse gutanga imihoho mu nyuma ababwira ngo babe aribo bifatira ingingo ni baba babishaka kuko ngo atabona ikibi yakoreye igihugu.

« Yisigura ko yakurikije ivyo ubutungane bwamusavye nko gusubiza amahera, ngo ntabona ikindi boba bamushakako. »

Bwana Zuma yamaze igihe apfunzwe kubera ukugwanya intwaro y’agahotoro ya apartheid, agira arangize ikiringo ca kabiri kandi ari naco ca nyuma ku butegetsi.

Ku burongozi bwiwe, ubuzi bwa leta bwariyongeye, ikiza ca Sida gisubira hasi, imigambi yiwe mu vy’iterambere irashigikigwa n’abanyepolitike.

Uburongozi bwiwe bwiciwe n’ivyo aregwa ku biturire bituma icegera ciwe ariwe atogwa ku burongozi bwa ANC mu kwezi kwa 12.