Duhamagarigwa kwitandukanya n’ivyisi.

🌈UKWITANDUKANYA N’IVY’ISI🌈

TITO 2:11_12_kuk’ubuntu BW’IMANA bwaserutse,buzanira abantu Bose agakiza,

12,butwigisha kwikunkumura ukutubaha IMANA n’ukwifuza ivy’isi,bukatwigisha kwama tudahugumba,tugororoka,twubaha IMANA,mu gihe ca none,. YESAYA1:16.Nimwiyuhagire,mwitunganye,mukureh’ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje;mureke gukora ibibi,

1YOHANA 2:15_16,Ntimugakunde isi,cank’ibiri mw isi,umuntu ni yakunda isi,ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muriwe,

Kukw ikiri mw’isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri,n’ivyifuzo vy’amaso,n’ubwibone bw’ubu bugingo,bitanduruka kuri Data wa twese,ariko vyanduruka mw isi.

AB’IKOLOSAYI 3:2_Mushire Imitima ku biri hejuru,ntimuyishire ku biri mw isi.

ABANYEFESO 5:11_Kandi ntimugafatanye n’ibikorwa biruvye vy’umwiza,ariko cane_cane mubiserure.

2TOMOTEYO 4:10_DEMA yarantaye,kukw akunze iyi si yanone,yigira itesalonike………..🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏