Théocratie canke ubwami bw’Imana burashoboka? Inyishu.

Théocratie canke Ubwami bw’Imana burashoboka mu bihugu vyacu kw’isi? Inyishu.

=====================

Abantu benshi baravuga Théocratie aribwo bwami bw’Imana mu bihugu vyo kw’isi mugabo usanga ari ubwangushi gusa kuko Théocratie ni intwaro, ubwami canke gouvernement y’Imana nkuko biri mwijuru.

Ubutegetsi bwa papa iroma, ubutegetsi bwa Leta ya Israel, ubutegetsi bwa al shabab, ubutegetsi bwa Bokoharam na Etat Islamique babwita ngo ni theocratie kubera bushingiye kuri religion canke idini ryitwa ngo ririko rirakurikiza amategeko y’Imana.

Abantu boza barahanuza Uhoraho Imana mu ngingo bofata zo gutegeka igihugu vyoba ari vyiza cane mugabo ntivyitwa théocratie kuko Théocratie ni ubutware bw’Imana uko buri mwijuru, ituma abamalayika gukora iki na kiriya ni ukuvuga yuko Imana ariyo itegeka directement. Iravuga bigakogwa, yategeka bikaba nk’Imana nyene. Iyo niyo Théocratie canke ubwami, canke intwaro y’Imana.

Igihe c’isezerano rya kera, nkuko biri muri Bibiliya Yera, abami barobanugwa n’Imana, nubu turizeye yuko Imana ari yaturobanuye, kandi nyabami kugira bafate ingingo babanza kuja guhanuza abavugishwa n’Imana, natwe tuzoza turabaza abavugishwa n’Imana, abavugishwa n’Imana nabo babanza kubaza Imana ico ivuze ivyo mbere bikaba no kubacamanza, ariko urabona uko ingoma z’abami mubisirayeli zagiye zirakuranwa gushika naho zizimangana. None twovuga yuko Théocratie yazimanhanye? Oya ubutware bw’Imana « Théocratie « ntibuzimana bwamaho ibihe bidashira ninaco catumye satani ananigwa agakorokerezwa kw’isi imyaka ibihumbin’ibihumbi ikaba irangiye. Abantu botandukanya rero Ubutware canke Ubwami bw’Imana Uhoraho ariyo Théocratie n’ubutware bwabantu bubaha canke basiguza Imana mugufata ingingo iyi canke iriya kugira bamenye ubugombe bw’Imana, kuko vyitwa ubwami bwo kugororoka. Umwami Yesu mukwigisha intumwa ziwe gusenga yagize ati:  » Ubwami bwawe ni buze, ivyo ugomba ni bibe mw’isi nkuko biba mw’ijuru. » Aho Yesu yaduhamagarira gusenga ngo hashitswe isezerano ryanditswe muri bibiliya aho abakijijwe bazoganzanya nawe imyaka igihumbi. Ubu hariho uturorero twinshi , mbere no mugihugu cacu, aho abaganza bavuga yuko bubaha Imana mugabo uravye ingene ubutware bwabo bumeze ugatangara kubera ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo n’ibindi usanga vyariganje. Ingendo nkizo zamye zibonekeza kera no kubami batoranijwe n’Imana hanyuma bakarongorana ituntu ubwoko bwayo. Abantu rero ntibokwitiranya kuba mumasezerano yo kurongora igihugu arikwo gutoranywa kurongora igihugu n’ubwami bw’Imana ariyo Théocratie.

Ufise ikibazo wobaza canke ico wongerako urahawe kaze. Ijambo Théocratie rero abantu barikoresha ukutariko nico gituma abaryikingiriza canke abavuga ngo bafise ubutware bw’Imana nkabo nadondaguye bose ari fake gusa kuko mbere si n’ubutware bwabubaha Imana ni nabayigwanya kuko Théocratie iri mwijuru gusa ntanahandi ishoboka kuko isi yandujwe n’ivyaha. Mpwemu w’Imana abahishurere gusumba ivyinyegeje mu butware bw’iyisi.

Dr Merlin Dusengumuremyi.

http://www.abisezerano.com