Cankuzo : Umugore n’umugabo bakomerekejwe na gerenade

Umugabo n’umugore wiwe nibo bakomerekejwe na gerenade yatewe mu rugo rwabo mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018, ku mutumba Mburi, zone ya Camazi, komine Gisagara, intara ya Cankuzo.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko iyo gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, aho yakomerekeje umugabo azwi kw’izina rya NTEMERE Louis n’umukenyezi wiwe NDAGIJIMANA Dancile.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko NZEYIMANA Ramadhan yikekwa gukora ico caha akaba ari n’umuvukanyi wa nyene gukomereka, ari mu minwe y’igiporisi ku mvo z’amatohoza.