Ruyigi-Butaganzwa : Umugabo yagirizwa kunyuruza amafaranga ya komine ari mu minwe y’igiporisi

Umugabo yahora atoza amatagisi ya komine Butaganzwa, yarahagaritswe n’igiporisi kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2018, yagirizwa kunyuruza amafaranga arenga umuriyoni yari kuja mu kigega ca komine.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya MINANI Isaac yaba ku mutumba Gakonko, Zone Mugege, komine Butaganzwa, intara ya Ruyigi.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko MINANI Isaac yagirizwa kunyuruza amafaranga angana n’umuriyoni n’ibihumbi mirongo umunani na bitandatu vy’amarundi (1.086.000Fbu) yatanzwe nk’amatagisi ya komine.

Ayo makuru amenyesha ko vyamenyekanye igihe bariko barasuzuma bagasanga amafaranga ari ku bitasi, ntahuye n’amafaranga yashize mu kigega co kuzignya no kuguranana COOPEC.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko MINANI Isaac ubu ari mu gasho k’igiporisi muri komine Butaganzwa, kandi amatohoza yamaze gutangura.