Amashimwe, Ubwami bw’Imana n’amasezerano vyavuye kumusozi w’amasengesho: ibidahuye n’iryo Jambo ry’Imana ni ivyo abantu bigenera.

(Ivyavuye ku musozi w’amasengesho) AMASHIMWE, UBWAMI BW’IMANA N’AMASEZERANO

=====================

*Zaburi ya 145:1-21*

-Mana yanje, Mwami wanje, ndagushira hejuru; nzoshemagiza izina ryawe ibihe bitazoshira.

– Nzokwa ngushemagiza uko bukeye, nzoshima izina ryawe ibihe bitazoshira.

-Uhoraho arahambaye cane kandi abereye gushimwa. Ubukuru bwiwe ntibushobora guserangurika.

-Abo urunganwe rumwe bazoshimira abo urundi ibikogwa vyawe bitangaje, babiganire ivyo inkozi wakoze.

– Nzovuga ubwiza bw’igitinyiro c’icubahiro cawe, nzoririmba ibikogwa bitangaje wakoze.

– Abantu bazovuga inkomezi z’ibikogwa vyawe biteye ubwoba; nanje nzomenyekanisha ubukuru bwawe.

-Bazokwibukira ukugira neza kwawe kwinshi, baririmbe ukugororoka kwawe.

-Uhoraho ni umunyabuntu kandi yuzuye imbabazi, ateba kuraka, agira ikigongwe cinshi.

-Uhoraho agirira neza bose, imbabazi ziwe ziri kuvyo yaremye vyose.

-Uhoraho, ivyo waremye vyose bizogushima, abakunzi bawe bazogushimagiza.

-Bazovuga ubwiza bw’ubwami bwawe, bandagaze ububasha bwawe mumahanga yose.

– Kugira ngo bamenyeshe abana b’abantu ivyo inkomezi wakoze, n’ubwiza bw’igitinyiro c’ubwami bwawe.

-Ubwami bwawe ni ubwami bw’ibihe bidashira, ubwami bwawe buzohangama uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi.

-Uhoraho aramira abatemba bose, yemesha abahetamye bose.

-Vyose biguhanga amaso, nawe ukabigaburira ivyokurya vyavyo vyose igihe kigeze.

– Upfumbaturura igipfunsi cawe, Ugahaza ukwipfuza kw’ibiriho vyose.

-Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose, ni umunyabuntu mu bikogwa vyiwe vyose.

– Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose. Yabamwambaza muvyo ukuri bose.

– Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; kandi azokwumva ugutakamba kwabo abakize.

-Uhoraho azigama abamukunda bose; ariko abanyakibi bose azobahonya.

21- akanwa kanje kazovuga ishimwe ry’Uhoraho; abafise umubiri bose ni bashemagize izina ryiwe ryera ibihe bitazoshira.