Kuri uyu munsi uri hejuru twahamagariwe gukebura umuntu wese azi yuko yubaha Imana, azi yuko yahamagawe n’Imana canke yibaza y’uko ariko arakorera Imana mugukoresha ubuhinga bwa none ngurukana bumenyi canke mukuyaga n’abantu yuko yokwibanga mumvugo canke inyandiko yokoresha. Soma Yuda 1:9: « IMANA IGUHANE » niyo mvugo ihambaye cane umumalayika Mikaheli yakoresheje abwira satani bariko baraniganira ikiziga ca Mose.
Turamaze kubona abantu benshi bandika canke bakavuga ivyo Imana n’amajwi yabo kuri Facebook, whatsapp , tweeters n’ahandi; usomye canke w’umvirije ivyo bavuga ugasanga nta tandukaniro riri hagati y’imvugo yabo n’imvugo y’abapagani canke abatazi Imana. Ivyo bikaba ari igitukisha ku bantu bitirigwa izina ry’Imana. Uri umukiristo akaba waranahamagariwe kugira politike ni vyiza mugabo ntuca ukoresha ururimi canke ngo ugire kameremere kabatamenye Yesu ngo ugire imigenzo y’umunyavyaha , mbere ugasumbirizako ukamera nkurongowe n’amadayimoni. Uturorero ni
-Ukwandika canke kuvuga amabanga yitwa yuko Imana yaguhaye mu mpisho mukuvuga amazina y’abantu aba na bariya ubatyoza , kubararaza canke ukabatazira mukubashira hejuru. Abana b’Imana bagendana ubwenge, ntibandika canke ngo bavuge ayamuhe kuko izo ni ingenzo zavumwe. Niba hari akabanga Imana yakwibiye ni vyiza cane, shikira uwo yagutumyeko mubiyage canke abo vyega mugabo ntubijane mukaguriro canke kuri internet.
-Ukwandika canke kuvuga amajambo yo gutukana, kwararaza, intonganya n’ibindi uvuga umuntu canke abantu ngo n’uko badakora ivyo ushaka canke mudahuje ivyiyumviro vya politike. Hariho imvugo iranga umu Kristo naho yoshavura canke agomba kugaragaza umubabaro wiwe, umwana w’Imana aguma ari umwana w’Imana. Burya akeza ntikamurikwa, imvugo yawe igaragaza ibibogaboga mu mutima wawe. Hariyo Imana niyo izigaragaza.
Urashobora kuba warababajwe no guhemukirwa, uruhungo, ukwicirwa, akarenganyo, ubukene n’inzara mugabo urenganye isezerano ryawe n’Imana uba ubaye nka ya nyondwe yumira kurushato inka yabazwe kera. Uba usigaye kwizina umukiristo kandi Kristo mwaratandukanye. Ukwinyegeza mw’ijambo ry’Imana kugira ukore politike, ntuteba kugaragara kuko inzira zibiri zananiye infyisi.
Bibiliya Iratubwira ibigaragaza umuntu yatoranijwe, ivyamwa muzomumenyerako: » Urukundo, Umunezero, Amahoro, Ukwihangana, Ubugwaneza,… » Abigalatiya 5:22. Hariho mbere n’ababona ubutumwa nkubu buvuye kuri Mpwemu Yera bagashangashigwa, bakanaribwa munda maze bakihutira kwisigura canke kwandika amajambo atarimwo umuco kuko bumva yuko Umuntu ari imbere muribo ahangawe. Baribagirwa yuko ukuri kutanyegezwa kandi yuko abatoranijwe n’Imana badatinya amaso canke amajambo y’umuntu canke akagwi k’abantu mugabo bararazwa ishinga n’urutonde rw’ijuru.
N’uko rero wewe nk’umu kristo wame uzirikana aya majambo yokumenya ingendo, imvugo n’inyandiko y’uwatoranijwe n’Imana. Kandi wame umenya kugezura no gutandukanya impwemu zishushanya na Mpwemu y’ukuri. Imana Uhoraho abazigame.