Ombudsman w’abarundi Edouard NDUWIMANA yatanze intererano y’amatora mw’ibanki nkuru y’igihugu,, mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018.
Uwitwa Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yatanze amafaranga imiriyoni zitatu z’amarundi, mw’ibanki nkuru y’igihugu, mu gisata cayo mu ntara ya Ngozi.
Abategetsi b’igihugu batari bake baramaze guterera amatora, kuva ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yatanze imiriyoni zitanu z’amarundi, ayacishije mu gisata c’Ibanki Nkuru y’Igihugu mu ntara ya Ngozi nyene.
Mw’ijambo yashikirije umunsi Uburundi bwahimbaza imyaka 55 iheze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye Abarundi ko mu gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, abarundi bararikiwe gutanga intererano zabo kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.