Cankuzo : Umwana yitavye Imana ahiriye mu nzu

Umwana w’imyaka ibiri niwe yitavye Imana ahiriye mu nzu mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, ku mutumba Murore, muri komine Gisagara, intara ya Cankuzo.

Amakuru ava aho i Murore, amenyesha ko uwo mwana yitavye Imana, inyuma yahoo inzu yarimwo yahiye iratokombera n’ivyayirimwo vyose bigasha bigahera.

Ayo makuru nyene amenyesha ko gushika ubu icatumye iyo nzu isha kitaramenyekana, ariko bakikeka ko umucanwa woba wavuye ku kimuri bari bakoresheje mukubonesha.