Etiyopiya:Reta yatanganje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe

Inyuma yaho umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Etiyopiya Hailemariam Desalegn atangiye imihoho,Reta y’ico gihugu yamenyesheje ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

Nk’uko tubikesha iradiyo y’Abongereza BBC,Reta ibicishije ku mboneshakure y’igihugu yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kurwanya imyiyerekano itandukanye yama yibonekeje muri ico gihugu.

Bivugwako abantu baharurwa mu macumi bamaze gupfa abandi barakomereka mu myiyerekano yo gusaba abapfungiwe ivya poritike ko barekurwa, guhindura ibijanye na poritike hamwe no guha uburenganzira abantu bwo kugaba amatongo.

Gushika ubu nta kiringo kiramenyeshwa iyo ngingo y’ibihe bidasanzwe izomara, eka n’imyifato ngenderwako ntiramenyeshwa.

Mu ndwi iheze,Reta yararekuye abantu bashika amajana bari bapfungiwe ivya poritike hamwe n’abamenyeshamakuru ariko imyiyerekano yarabandanije.

Haciye imyaka 3 Reta y’igihugu ca Etiyopiya ihangana n’imyiyerekano itandukanye mu gihugu harimwo n’iyibera mu gice kinini c’igihugu ahitwa i Oromia.