RD Congo: Abasirikare 5 ba Congo bishwe mu ngwano n’u Rwanda

Niburiburi abasirikare batanu ba Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo bishwe n’igisirikare c’u Rwanda, niko igisirikare ca Congo kivuga.

Jenerali Bruno Mandevu yavuze kw’iyo ngwano yadutse mu kirindiro c’ibikoko Virunga National Park, ku butaka bwa Congo – ivyo u Rwanda rukaba rwabihakanye.

Yavuze ko inteko za Congo zibajije ko ziriko ziragwana n’umugwi w’inyeshamba, ukorera muri ako karere.

Hari abafise amakenga kw’ayo makimbirane ashobora gutuma haduka uruhagarara hagati y’ibihugu bibiri, bifitaniye kahise katifashe neza.

U Rwanda rwarateye incuro zibiri ico gihugu kibanyi, mu myaka y’iza 1990.

Umuvugizi w’igisirikare c’u Rwanda Koloneli Innocent Munyengango, yemeje ukwo gutana mu mitwe, avuga ko ata musirikare w’u Rwanda yapfuye.

« Abasirikare ba Congo nibo baciye ku kirindiro cacu, baradutera. Abasirikare bacu baciye babivuna, » niko yavuze.

Ubuseruko bwa Congo ku mupaka w’u Rwanda, ntihigera hatekana.