Aloys HABIMANA umuhuzabikorwa wa Front Line Defenders aridegemvya

Inyuma y’iminsi ibiri apfungiwe mu Burundi,umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe Front Line Defenders aridegemvya kuva inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa mbere, igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018.

Aloys HABIMANA yari yahagaritswe kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018, mu gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura,ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Uwo muhuzabikorwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko n’iyo mu bumanuko, yahagaritswe ari kumwe n’uwundi bari kumwe mu rugendo.

Amakuru ava muri bamwe bamwegereye, amenyesha ko yoba yari yahagaritswe kubera urupapuro rw’inzira rwariko rukoreshwa n’uwo bari kumwe rwateye amakenga abajejwe umutekano b’Uburundi.

loys HABIMANA yarabaye kandi umuhuzabikorwa w’ishirahamwe Human Right Watch.