Umugabo azwi kw’izina rya IRANKUNDA Innocent yarishe umugore wiwe MANIRAGUMIJE Noella amutemaguje ishoka, mw’ijoro ryo kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018, ku mutumba Ruhande, komine Gishubi, intara ya Gitega.
Amakuru ava aho I Gishubi amenyesha ko wiwe IRANKUNDA Innocent yatemye umugore wiwe nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, aca atera yitaba Imana uwo mwanya nyene.
Ayo makuru nyene,atangwa n’ababanyi biwe amenyesha ko uwo IRADUKUNDA Innocent yari asanzwe ari umusuma karuhariwe, akaba kandi yihereza ibiyayuramutwe.
Kuva mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018, uwo mugabo ari mu minwe y’inyamiramabi, akaba ariko akorerwa dosiye kugira ace ashikirizwa ubutungane, mu rubanza rw’ikibiriraho.