Ibihumbi vy’Abanyezimbabwe bagiye kwunamira Tsvangirai

Abanyezimbabwe bashika ibihumbi bahuriye ku murwa mukuru Harare, mu muhango wo gusabira uwahoze ari umukuru w’abatavuga rumwe na leta, Morgan Tsvangirai.

Uwo yahoze ari umukuru w’umugamwe Movement for Democratic Change, yaryamiye ukuboko kw’abagabo mu ndwi iheze ahitanywe na kanseri.

Uwo muhango ubera mu kibanza kizwi nka Civic Square, aho abashigikiye abatavuga rumwe na leta bakunda guhurira ku butegetsi bwa Mugabe, bakagira imyiyerekano naho baba babujijwe n’abapolisi.

Bwana Tsvangirai azopfubwa ku mutumba yavukiyeko kuwa kabiri.

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, yavuze ko umuhisi Tsvangirai yari umunyepolitike w’ijunja.